BurundiEntertainmenthomepage

Urugamba n’urwa Mista Champagne gusa, Harmonize yakuyemwo akarenge

Harmonize ateye intege umuririmvyi Mista Champagne ariko arondera urukundo Kuri Kajala Frida, inyuma y’amezi ariko arababa 3 bavanye Kandi ku mpande zose ata numwe arerekana ko afise uwo barikumwe mu rukundo.

Harmonize yemeje ko Mista Champagne urugamba arimwo rwo kurondera urukundo kwa Kajala yorubandanya ata nkomanzi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi wa Single Again yavuze ko ata mugambi afise wo gusubira Kandi gusubirana n’uwo mugore yaramaze kabiri i Bujumbura.
Muri ubwo butumwa, Harmonize yavuze ko inyuma ya vyose ubuzima bubandanya, ngo nta mugambi afise wo kwama hahandi, ahubwo ngo ashaka gutera iyindi ntambwe.
Naho atatomoye neza, uwo mugabo ashobora kuba hari umwigeme aheruka kumwanka kubera kugira ubwoba bw’uko uwo mugabo ashobora gusubira Kandi gusubirana na Kajala bari bamaze kuvana bagasubirana Kandi. Arico gituma yavuze ko yipfuza gusubira Kandi gukundwa.
Harmonize abishikirije mu gihe i Bujumbura hari umugabo yitwa Mista Champagne akunda bwabara uwo mugore, aho inyuma y’ugusubira inyuma muri Tanzania, yamaze kwerekana ko yamaze kumukumbura Kandi.
Ubu rero uwo musore nimba nawe yahora afise akoba k’uburyo ashobora kwisanzura muri urwo rukundo yipfuza naho atarasubizwa kugira batangure ivyabo, ubu inzira yayugururiwe.
Ikibazo gisigara n’ukumenya nimba Mista Champagne azobasha kwihangana, n’ukwemera kugendana n’umugore amusumvya ubushobozi.
Uyu mugabo Harmonize akaba abishikirije mu gihe yaheruka guhanura abari Single, nukuvuga abatagira abakunzi, ko boraba bakigumira ata bantu bafise babatesha umutwe, kuko iyo utagira uwukubaza iyo uja n’ivyo ukora, ngo uronka akanya ko kuraba agapira ku mugoroba.
Harmonize Kandi abishikirije mu gihe Indirimbo yise Single Again igize imisi ibica bigacika muri Nigeria, ariko Kandi na hano iwacu, iyo ndirimbo ikaba iza mu za mbere zikunzwe Kuri za mbuga zigurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 743