IKIRUNDI_news

Urugendo rwa Diamond muri Afrika y’epfo hampande ya Zari ruhatse ibindi

Ubwo nta kindi cinyegeje inyuma y’ikiringo umuririmvyi Diamond agiye kurama muri Afrika y’epfo, aho avuga ko ajanywe n’ukurangiza urukurikirane rw’indirimbo ruzosohoka muri uno mwaka nyene?

Ku musi w’ejo niho hiriwe harazunguruka amasanamu ya Diamond aho yakiranywe n’igishika cinshi n’abana biwe hamwe n’uwahoze ari umukunzi wiwe Zarinah Hassan benshi bazi nka Zari the boss Lady.  Muri urwo rugendo nyene bakoze, hanabonetse ko uwo muvyeyi yabafunguriye imfungurwa zo ku mugoroba ku basiramu bakunze kwita ifutari.

Uguhitamwo ico gihugu biracagoye gutora icoba carabiteye kubera biboneka neza ko yagiye ajanye ibikenewe vyose ngo ico gikorwa kibashe gukoreka neza, kuko mu bagiye harimwo abakozi biwe hafi nka bose bakora ibijanye n’uguhinyanyura.

Urwo rugendo rukaba rukozwe inyuma y’amajambo yaheruka kuvugwa ko yoba yararyamanye n’umwigeme w’umunya Uganda Spice yari mu rugendo muri Tanzania, bikaba vyanavyuzwe ko ari Diamond ubwiwe yamurihiye amafaranga y’indege ngo agende muri Tanzania.  Muri urwo rugendo rwavuzweko vyinshi, uwo mwigeme akaba yaciye anakora ico mu kinyamazuru bita Radio Tours.

Ibiraba Diamond ni gake bidahitaniza Zari yahoze ari umukunzi wiwe, kuko ibinyamakuru bitari bike vyananditse bivuga ko Zari yasa n’uwavuniye akagohe uwo muririmvyikazi ko yoraba neza, kuko uwo musore, Diamond, afise ubwenge bwinshi bumutera gukwegera abigeme batari bake mu gitanda ciwe.

Urwo rugendo rwa Nasibu rero muri Africa y’epfo rukaba rurimwo amakenga menshi, aho binashoboka ko yoba ajanywe n’ugusubira kugerageza kwiyegereza uwo muvyeyi, ubona ko abatari bake bamaze kuvuga ko uwo ariwe mugore yari yaronse w’incabwenge n’ayo abandi ataco bari bamumariye. Ariko rero Ico ciyumviro kikaba gishobora kudakunda kubera  Zari nawe asa n’uwusigaye ari mu maboko y’uwundi musore.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037