IKIRUNDI_news

Urukundo hagati ya Wiz Design na Mow Kanzie, ruvyaye MODE AVION

Abarundi barayamaze ngo uwutazi ubwenge ashima rwiwe, Wiz Designer hamwe na Monna Walda benshi bagize imisi bazi nka Mow Kanzie barafashe mpiri abakunzi b’ibikorwa vyabo  mu kubashusha umutwe ko hoba hari urukundo hagati yabo, na rirya Monna yari yaheruka kumenyesha ko yahebwe, none bivuyemwo ibindi.

Inkuru yatanguriye ku rubuga rwa Instagram aho Wiz Designer yandika amajambo akomeye y’urukundo abwira umuririmvyikazi Mow Kanzie, mu gihe kandi n’iyindi misore itari mike yari mu ruhigi rw’urukundo rwa Kanzie.  Uwo mwigeme nawe nyene ntiyatevye  kumwishura aho yamubaza impamvu atamurondeye kuri Whatsapp.

Budakeye kabiri, amashusho yabo barikumwe ya mbere atangura gushirwa ahabona, abantu batari bake bavuga ico bibaza kuribo, berekana ko n’ukuberana baberanye cane, uretse ko ivy’urukundo rwabo vyo bari bamaze kubishirako akaburungu.

Agacerere kahavuye gashwara imbuga zabo muri ino imisi yari iheze, kumbe hari ico bariko bategurira bamwe bereka ivy’ubucuti bwabo ko bitagarukira kuri mwaramutse na mwiriwe gusa. Ivyikekwa n’abatari bake biba bibaye ukuri.

Kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 4/5 niho hashirwa ahabona ishusho ndangandirimbo, Cover mu kinyamazuru,  ryerekana ko abo baririmvyi uko ari 2 ivyo berekanye vyose ku mbuga ngurukanabumenyi vyari inkinamico gusa, kumbe hari indirimbo yariko iretegurwa ya Wiz Designer afashijwe a Mow Kanzie uwiswe umukunzi wiwe, hamwe na Dj Katlous abarizwa muri Runtown Dj.

Iyo ndirimbo ntiharamenyekana ryari izoshirwa ahabona, ariko ikizwi co nuko amashusho yafashwe na Logic Jamal, nayo amajwi akorwa na Breezy on the Beat, nayo akazina kayo ni MODE AVION.

Mu masaha makeya iryo shusho rishizwe ahabona, ryahererekanijwe n’abatari bake hirya no hino, biboneka cane ko iyo ndirimbo yitezwe cane gose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037