homepage

Urupapuro rw’inzira rwa EAC ruhabwa abagande, Denmark yarwanse

Abagande 2 ngo bimwe VISA yo kuja mu gihugu ca Denrmark ku mugabane wa buraya, abo bakaba bahowe Urupapuro rw’inzira, Passport, y’umuryango wa afrika y’ubuseruko. Abo bagande ngo bari bipfua kuzoja mu gisagara ca Copenhagen mu kwezi kwa 4.

Ikinyamakuru Daily Monitor co mu gihugu ca Uganda, kivuga ko abasanzwe bakora muri ico buserukizi bw’ico gihugu muri Uganda bavuga ko urwo rupapuro rw’inzira ngo rutaremezwa n’ico gihugu, arico gituma badashobora kubaha iyo VISA.

Ico kinyamakuru kikaba kivuga ko ubushikiranganji bw’imigenderanire yico gihugu n’amakungu bushikiriza ko bwamaze kwereka urwo rupapuro rw’inzira abaserukira ico gihugu muri Uganda co kimwe n’abaserukira ayandi mashirahamwe mpuzamakungu asanzwe akorera muri ico gihugu.

Ubuserukizi bwa Denmark muri uganda nabwo bukaba bwahavuye busaba kwihangana abo bantu bimwe izo VISA, kuko igikorwa c’ugushira muri System urwo rupapuro rw’inzira ngo bikiriko birakorwa, kandi ko bizokemuka Vuba cane.

Aho mukibuka ko na hano iwacu urwo rupapuro rw’inzira rwatanguye gutangwa muri uno mwaka wa 2018. Abafise zirya mpapuro z’inzira zisanzwe zikoreshwa bakaba bahawe ikiringo ntarengwa ngo bazobe bamaze kurondera izo zindi mpapuro z’inzira z’umuryango wa afrika y’ubuseruko.    

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686