Ibihugu 3 vyo muri Afrika, Afrika y’epfo, Senegal n’Urwanda nivyo bigeye gutangura gukora inkingo za Covid-19. Izo nkingo zikaba zizoba ari izisanzwe zikorwa na Biontech.
Mu nama iriko ihuza abashikiranganji b’abanyafrika b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ibindi bihugu, hamwe n’ab’ubumwe bwa buraya, ibihugu 2 muri ivyo twababwiye ngaho hejuru arivyo Urwanda na Senegal, bashize umukono ku masezerano yo gufashanya hagati yavyo n’I banki ya buraya ya BEI ( Banque européenne d’investissement).
Ayo masezerano akaba ari ayo kworosha kugira hashingwe ayo mahinguriro azoba ajejwe gukora inkingo zitandukanye, ariko ngo izizotangurirwako zikaba ari iza Covid-19 hamwe n’iza Malaria.
Mu mwaka uza mu kwezi kwa 6 ayo mahinguriro akaba azoba yamaze gutangura kwubakwa, kugira vuba cane zizobe zatanguye gukora kugira zitange umusaruro, ngo inkingo Afrika ikenera mu bijanye n’ukugwanya Ibiza bidutera noneho ziboneke bitagoranye cane.