Burundihomepagepersonal developmentSpirituality and progressUrwevuyouth

#Urwevu| Gumizako. Urufunguruzo ruri aho mubiganza vyawe!

isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Usesanguye hirya no hino mu bitabo vy’aba badutanze guca urwevu, urateba ukagenda uraca urwevu buhorobuhoro kurya mu mutwenzi umwiza ugenda urakinjura buhoro buhoro , maze umuco nawo ukagenda uratamanzura , ata nkomanzi mu buryo butekanye mbera womenga ata n’uwoca n’ikanda!

Urufunguruzo rw’urukiza rwawe ruri mu minwe yawe nyene.

Ivyo ufise vyose niwe wabirondeye. Ivyo unarondera vyose biri muri wewe nyene. Nta na kimwe uzorondera ngo uronke hanze utabanje kukironka muri wewe nyene. Abansi bose ubona hanze yawe ni ibitutu vy’abansi bari muri wewe nyene. Nta mwasi uzorwa wo hanze ngo umutsinde utabanje gutsinda abansi bari muri wewe nyene.( Ivyo twokwita ibinyamubiri nkuko nakuze numva bavyita hiyo ruguru iwacu)  Nawe ntuzotsinda abansi bari muri wewe nyene utabanje kumenya na wewe nyene ico uri.

Nayo mu gihe utazoba uramenya ico uri, bizoheza biguhwamike n’agatiro k’agahunikire maze bikwemeze uheze ugire ku mabwire ureke bikuganze wibagire rya shusho ry’Imana , Imana yaguhaye maze muri ako kanya ikaguha ubushobozi nk’ubwo ifise yo nyene aho umuntu yivugiye ko Umuntu nyabuna mbere ari Imanan( Raba Zaburi 82).

Ni wamenya ico uri, uzoba uhiriwe. Uzoheza umenye intambara urwana izarizo, umenye n’igituma uriko uzirwanya. Uzoheza ufate ingingo y’ukurondera inguvu iyo ziva maze wihurungure ibigomba kukuganza , usubirane ishusho yawe Original blueprint). Maze n’abazokubona bazobona ko weho utabaye nk’abandi uheza ugasanga baraganjwe n’ibibakikije , bagahave mbere bakaruhira kubireka bikabaca iyondoyondo. Mu kirundi ba Sokuru bavuga ngo ” yaratunye buratondera”.

Ntukagire ngo ingorane n’ivyo urimwo. Oya , ingorane n’uko  vyoba vyarahavuye bikakwemeza ko utobivamwo.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719