BurundikirundiUncategorizedUrwevuyouth

Urwevu: Ibivurwa wogira kugira ngo ugire “succès”

 

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo

Nk’uko tubibona mu gitabo canditswe n’uwanditsi yitwa John Max.C Maxwell mu gitabo yanditse” Talent is not enough “ niwe yanditse y’uko, nimba ushaka gushika kure mi buzima ngo woheza ugakora bino: shira inguvu kuvyo wewe ubona ushoboye gukora, ureke kuzita ku vyo udashoboye.

Mbe ni kuki none kenshi twihanga ivyo tudashoboye kandi hari ivyo twari dushoboye?

Inyishu y’ico kibazo umuntu ayitora mu gitabo canditswe n’uwitwa Napoleon Hill citwa” Think and Grow rich”. Muri ico gitabo arerekana inzitizi zituma umuntu usanga bimugoye kuguma ashira umwete muvyo asanzwe akora.

Mu gice ca cumi na gatanu c’ico gitabo, arererekana ubwoba bw’ubukene( fear of poverty) arico kintu kiza ubwambere mu bituma umuntu atagira ingoga n’ubwira bw’ukubandanya akora ivyo ashoboye gukora neza kandi vyomuteje imbere.

Ni ukuvuga ko, umuntu aheza agatereza amaso hirya no hino akaraba ivyatumye abandi batera imbere agaca yibaza y’uko nawe adakoze gutyo atotera imbere. Araheza agaca ashaka kwita kw’icumu ngo mpaka akore ivyo bakora, kuko yibaza ko ariyo nzira ijana kwi’terambere gusa. Yamara navyo arabikorako bikamuta ku wamazi, akabura aho ahera n’aho ahereza, agahava agaca asanga yabivuyemwo vyose, agaca ako bimwe ba Sokuru bita “ Ugutuna bugatondera”

Ico rero umuntu aba yibagiye n’uko, birya tubona vyateje imbere abandi biba bavyateje imbere kubera babikora babifitiye urukundo, bakabikora bavyiyumvamwo.

Ariko nyene ivyiyumviro abahinga baduha navyo kenshi usanga binyuranye. Kuko nko mu gitabo canditswe n’uwitwa BRIAN TRACY citwa ”The power of self-discipline” we avuga y’uko igishikana umuntu kuri success, ari discipline yiwe. iyo Self-discipline rero uwo mwanditsi asigura ko ari ” Ubushobozi bw’ugukora ivyo utegerezwa gukora, mu gihe utegerejwe kugikora, waba wumba ubishaka canke utabishaka“.

Aho murabona ko uca umengo wewe uwo brian Tracy avuga y’uko udategerejwe gukora ikintu ngo n’uko wumva ugishaka. Ico ciyumviro kica kandi kiza guhura n’iciyumviro cashikirijwe n’uwitwa JERRY WEST kivuga giti mu congereza giti ” You can’t get much done in life if you only work the days you feel good”.” aho twogerageza gushira mu kirundi duti” ntushobora gushika ku ntambwe ikomeye mu buzima mu gihe woba ushaka gukora imisi wumva umerewe neza gusa”. 

Naho  abahinga bamwe bahanura ko twoshobora n’uguhatirako , abandi bakavuga ko umuntu yokora ico yumva ashaka ari naco aba yumva ashoboye, , ico umuntu yumva twese twohurirako n’uko, ugukora ikintu uciyumvamwo( passion) n’aho muri ako kanya ata buryo woba ubironkamwo, bifise akamaro kanini kuko uba uriko ukora ikintu kijanye n’uko umutima wawe utera.

Uraheza ukabikora utamengo ni uruboho kandi, ubandanije ubikora, uzoteba ushike aho ushaka kuko, abantu bazobonamwo akanovera kajanye na kameremere yawe, gutyo igihe umutwenzi uzotamanzurira, uzoheza unezererwe n’ukubona abantu bariko baragushimira , banezererewe gutyo, ukunezerwa n’ivyu ukora vyiyongere ku munezero w’ugutera abandi umuzera, maze uce usanga bibaye bimwe ba sokuru bita ” Amata avyaye amasoro”.

Nayo ku bahinga mu gukoresha inguvu z’Imana baguhanura y’uko, mu kiringo ubona ata ngoga ugifise kubera zamizwe n’ivyiyumviro bigca intege maze ukabura courage, bavuga y’uko ngo ukoreshejeje Psaume 3, ukayisubiramwo, ukanayizirikana nka 30 minutes, ugaca ushirako n’isengesho ry’umukiza wawe,  uheza ukumva bukebuke urasubiriye kuronka utuguvu. Ba sokuru bagize bati ” Akazimiye ntaho katarondererwa”.

Wibuke, inzitizi ziri muri mu mutwe wawe  nyene ( ibinyamubiri ou émotions négatives). Ntihagire uwundi utako inkubire.

EMERA UGUME URUMANGA, UZOTEBA USHIKE AHO USHAKA. ( Ahari imboga)

What's your reaction?

Related Posts

1 of 536