homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu| Imigozi ikuboshe iri mu bishobisho ( émotions) vyawe

Abasokuru barayamaze bati “Ntawuhomera iyiyonka” canke bati” Akica urugo karuvamwo”. Ugasanga ukenye uno musi, abahinga bakumenyesha ko atayindi mpanvu yindi yabitumye atari wewe nyene. Ivyo birakugora gutahura ariko yamara niko bimeze.

Imigozi ikuboshe, iri mu gaciro wewe nyene wiha. Ako gaciro wiha nako gafatiye ku bintu vyinshi, harimwo, aho wavukiye, aho wakuriye, inyigisho wahawe, abagenzi mugendana, ibitabo usoma n’ibindi vyinshi vyose bigukikije. Ivyo vyose urabiraba ugasanga umengo rero ikibanza cawe vy’ukuri ni ico nyene urimwo.

Uburyo bw’ukuva muri ubwo bukene ni ukubanza ukemera ko ari wewe ubwiteye. Icakabiri, ni uheze wumve ko ico kibanza urimwo atari icawe. Ica gatatu, fata ingingo uyandike y’uko uhakanye kuzokwitaba Imana uri umukene, ica kane, heza rero uravye ukwo abandi batunga, urabe ico bisaba. Ica gatanu, ni wihe ikiringo kuko nta wuvuka rimwe ngo ace yuzura ingovyi, ica gatandatu fata ingingo y’ukuriha ibishoboka vyoshoboka, nimba ari amajoro urarara wiga, ubikore.

Abahinga bakumenyesha ko mu kiringo ukoze ivyo abandi bakoze, amahirwe ari menshi cane y’ugushika kuvyo nabo bashitseko.

VA MURI UBWO BUKENE!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691