kirundiUrwevu

Urwevu: Intambamyi yawe ni wewe nyene: Akica urugo karuvamwo!

Mu rwevu, ikinyamakuru canyu caciye harimwo ibinyuranye, yamara na cane cane rukaba rugamije kurondera imizi y’inzitizi zose zituma umuntu atagera ku mataba y’imisozi imuri imbere, akaguma mu kabande nyaga nande.

Isanamu ngereranyo y’umuntu agerageza kwikura mu bibazo

Kimwe rero, imiyaga yo mu mwiza yihutira vuba na vuba gutera mu bantu, ni ukubateranya, maze ikabatandukanya gutyo hagati yabo hagasigara hari icuka kibi, aho mbere ba Sokuru bahavuye bagakoresha ijambo ngo ‘ukwanka urunuka”.

Mu kiringo rero ahantu hamaze kuza urwanko, n’ukuvuga ibintu vyose biheza bigatumbera aho hantu bica biza bisusa nyene n’ivyo bihasanze, ivyo navyo bikaba hisunzwe rimwe mu mabwirizwa agenza  ibijanye n’ukubaho, aho , ivyo ibigutumbera biba bihuye n’ibiri muri wewe nyene( La loi des correspondances).

Kuko , ibijanye n’amarushwa, amahoro canke amahirwe n’amatunga, vyovyo bikora bikurikije ico cuka ,kiri muri wewe canke kiri mu bigukikije. ( Vibrations).

Abaciye urwevu rero baramaze kumenya y’uko mu kiringo yisanze ari mu bintu bitamuguye neza, aheza nyabuna akarengera kuryagagura canke kwidogera abandi canke ibindi bintu binyuranye , agaheza akamera nko, mu buryo buno canke buriya, yaba abishaka canke atabishaka, yamara ibimugoye vyose ariwe nyene abifisemwo uruhara kurusha abandi.

Ukwemera ko ari we yoba ari inyanduruko y’ibitanezereye abayemwo, kuraheza rero kugaca kumubera imbarutso nziza y’ukurondera gukora ibishoboka vyose ngo yigovyore. Nayo ahandi hoho igihe cose ugumye mu kwibaza ko ubitewe n’abandi uzoheza uce usanga “ukwidoga” bikubereye nk’ingaburo yawe y’ijoro n’umutaga, maze ivyo beheze bigufashe guca wiraramira ugumye uzeye inze.

Emera ko uri imwe mu nzitizi zikuzitiye.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 459