BurundikirundiSpirituality and progressUncategorizedUrwevu

Urwevu: (Inzoga). Hagati y’abo munwana n’abo mubana uhengamiye he?

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo

Ijambo “ukuborerwa “, jewe ndumvamwo ijambo ritameze neza ugerageje kuricagagura. Womengo harimwo “kubora” muga ntavyo mvuze kuko ntari umuhinga mu kirundi. Tuzobaza kazinduzi.

Abasokuru bavuze ngo inzoga ni” nkura mu bindi ndagukure mu bagabo” Ivyo bikaboneka ko baba bariko baravuga na canecane abantu bamaze kuba ba “gatuku”, abanwa ntibigerere , bamwe waza wumva abantu babavuga ngo ” naka, anwa nk’isato”.

Inzoga rero , umwambiro urimwo iyo umaze kunyengetera mu bwonko uraheza ugatuma hahinduka ibintu vyinshi mu buryo bw’ukubona ibintu.

Umuntu rero araheza agaca atangura kumera nk’uwutanguye kubona kure. Aca amera nk’uko umengo aratanguye kubona inyishu z’ibibazo afise. Ibintu vyinshi bica bimworohera gutahura n’ukuvuga.

Uravye amaherezo, urwo ruhendo nyabuna ruba ruriko resenyura  dogiridogiri inzitizi zari zizitiriye ka karima karimwo “ubuntu” . Ziba ziriko ziranyengetera gushika aho ziteba zigazisenyura “ubuntu” bugasigara ku ngaratete( kuri bamwe na bamwe)

Bimaze kugera ngaho,aca aheza agatangura kwigenza uko atahora yigenza , umuntu agatangura kugira inyifato zidahuye na kameremere “buntu”. Ivyo bivana n’uko uwo mwambiro utuma ibishobisho vy’umubiri biheza  bigaca bishirira kurya k’umuriro, ivyahora bikuvugira mu matwi nawe uti “ziba”, bica bitangura kwigorora bigashikiriza ikibibakiye, nayo ka gatima” buntu” kubera ugusinzirizwa, kakarabira kure, kuko gasigaye kanyoganyoga katoba kakibaye ngo kazyogore.

Mu kiringo rero ako gatima “buntu” gataramuwe, abahinga mu buryo bw’impwemu bamenyesha ko haca hinjira izindi mpwemu. Impwemu bu buryo bw’impwemu bita ” ibizeze” ( les esprits insensés).

Iyo rero zimaze kuza, muri wewe uraheza ugasanga umuntu “yaborewe” ariko arigenza nk’izo mpwemu nyene zamufashe. Yigenza nk’ikizeze. Nya binyamubiri vy’ibizeze biraheza mbere bikanamuhindura ijwi, ugasanga ariko arasa n’uwuvuga nk’ikizeze nyene kuri bamwe bamwe.

Abahinga bavuga ko izo mpwemu z’ibizezez, arizo zituma umuntu atemera ko hariho Imana. Egome aravyumva bivurwa mbere no mu misa akagenda mugabo, mu gatimatima kiwe ntaheza ngo yumve ko iyo Mana ibaho ( Cfr psaume 14 et 53).

Ivyo binyamubiri nyene biva mu kaborerwe rero bifise mission y’uguteza isoni umuntu  mu buntu bwiwe. Abahinga bavuga ko mu guteza isoni ( humilier) biba bifise n’imigambi y’ukumukura agahuzu mu buryo bw’impwemu ( la nudité spirituelle) ariko mbere bigashika n’aho binagutuma ukikura no mu buryo bw’umubiri( nudité physique).

Mu gukurako agahuzu umuntu, bigenda bukebuke, kuko birafise ubwenge bwinshi. Birareka umuntu akijajara, bikazomurindira umusi umwe bikamuteza isoni. Imbere y’uko bikondora umuntu burundu, bigenda biramwambura bukebuke.

Bigenda biramutandukanya bukebuke be n’umuryango. Agaheza akumva yimererewe neza n’abo bicaranye mu kabare, hakuba hamwe n’umuryango wiwe.( kuri bamwe bamwe)

Ubundi buryo bikoresha mu kugukurako agahuzu biraheza bikagutera kubona ko impuzu zizimvye, gutyo ugasanga kugira ngo ugure akarato canke agahuzu ugasanga  bikubanye ikibazo.

Mu kiringo , bimaze kugukura ku bawe, biraheza  bigaca bitangura kugukura kuri wewe nyene. Bikakubuza ko wiha agaciro, ugasanga vyarakuboheye muri ubwo bubare, mu mutwe hakama hariyo abo munwana gusa, abo mubana bagahava baduka nyabuna bakakubera ikibazo, umuzigo, umusaraba, imisozi, induru, amarushwa… hamwe hagera ugutaha bamwe bakagenda nk’abagiye ku rubuga rw’intambara, maze iyo bashitse bakihutira gukangatwa, bakara, nk’abiketse imwansi,canke nk’abitanze umwansi. Naho ntibamenye ko umwasi ari mu nda zabo.

Ukaba ugeze aho usanga abo mubana bafise agaciro gato ugereranije n’abo munwana, nta kamaro k’ukwidadira. VAYO!

Gerageza bino jewe vyaranfashije.

Psaume 4

izogufasha kwiyamiriza ivyo bishobisho womengo ntivyokwemerera ko usinzira ngo utabanje kwuzuza inda yawe ibiboreza umwambiro. Ivyo nyene nivyo bikubwira yuko umengo nta munezera wogira udasomye akayoga.

Psaume 27

Abahinga bavuga ko igituma umuntu adahinduka , ari ubwoba bw’ukwibaza y’uko ivyo agiyemwo bizohava bimubana amahanga, afatiye kuvyo avuyemwo. Mu buryo bw’impwemu bicabiboneka nk’uko umengo yoba yinjiye iyo azohura n’ibigabo bimurusha inguvu. Iyo psaume izogufasha kubwira ivyo binyamubiri, uti jewe ndikumwe n’Imana mwebwe mwungira iki?.( Kuko koko, nuko utaba ubibona, burya hariho ibigabo bikomeye: les hommes forts, biba bigutegeka kunwa kurya kugira navyo bisomeko)

Psaume 61

Uriko uravuga iyo psaume, uzoba uriko urasaba utuguvu kugira Imana ikuzamure, igusubize utuguvu tw’aho wagiye uragazagurwa inyama n’ivyo bisigo biba mu mwambiro.

Uzoheze uze urazivuga kenshi kabaho, mu mutima ukamenya ko uriko urabwira ivyo bishobisho biguma bigukurako ubuntu. Kandi uriko uravuga ntuze wibaze ngo ntivyumva? Birumva nyene!! Ni ukwamizako!

Igihe wishuwe, uzobimenya, vyose bibera mu mpwemu.

IBI BINTU URAZOBIGIRA, NIWARONKA INYISHU UZE UFASHE ABANDI.

LA DIGINTE!!!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 538