kirundiUrwevu

#Urwevu l Ukwahukana co kimwe n’ukwiyahura vyose ni umuvumo!

Nk’uko rero tumaze imisi tuza turabigarukako, urwevu, ariwo muco kubijanye n’uburyo bw’ukurwanya impwemu mbi, ibinyamubiri bijejwe gusambuza abubatse ingo nivyo bituma zama zirara zirasha. Nk’uko rero abahinga banyuranye mu buryo bw’impwemu, izo mpwemu mbi zituma abantu bahukana ngo zirafitaniye isano na kahise ka basokuru bacu, inyifato bari bafise mu mibano n’abo bubabakanye eka n’ibindi.

Ivyo rero biraheza bigaca bigaragara vy’ukuri ko ukwahukana atari ubushake bw’Imana nyabuna ni inguvu z’umwansi, atera imiryano maze bigatuma ahari kuba amahoro , umwumvikano n’urukundo nyabuna hahinduka urubuga rw’intambara.

Muri ico gihe rero, urugo ruba rwatewe n’ibinyamubiri bijejwe violence( esprits de violence) izo nazo zikaba zijejwe ibintu vyinshi, ari nazo mbere zijejwe gutera ubukene mu ngo maze gutyo mu kiringo ubukene busagirije abantu , violence ikaba kenshi isasiwe indava.

Ivyo binyamubiri kandi nivyo bitera abantu kuba imborerwa , kuko nayo ari inzira bikoresha kugira umuntu gace kaja i mutwe kazirirnge maze ashitse i muhira kenshi akihutira kuzura akaboze. Alcool rero ikorana n’ivyo binyamubiri kuko ifasha mu kwibuka ivyo bintu vyari vyaribitse, igatanga n’inguvu z’ugukora ibidakorwa, ivyo utokoze mu gihe utoba wanyoye.

N’ukuvyga y’uko alcool ifasha gusenyura inzitiro, maze ivyakubera inzitiro, impanuro zari zikubatse, zigaheza zigashonga kurya kw’ishashara ku muriro.

Ukaba rero umaze gufata umwanzuro w’ukwahukana, heba! Naho koko woba wararose impanuro nyinshi, eka mbere ukaba ubona ko bidashoboka, nyabuna umirako. Wibuke kandi uzirikane ko umwansi wawe atari uwo mwubakanye. Umwansi wanyu mwese ari ngaho hagati ya nyu, arabateranya maze akirabira uko mumashana, yitwengera. Uribuka ivyabaye hagati ya Adamu na Eva!.

Shetani niwe mukuru w’ingabo zijejwe urwanko, violence, ubusambanyi n’ibindi. Ukabona mugenzi wawe yaragiye iyo muri ayo mahonero, nyabuna haguruka weho ururwanire. Kenshi mbere ngo iyo Shetani abona ko mu bibondo mufise harimwo abazokorera Imana, ngo arakoresha cane ivyo bisigo kugira abasambure maze iyo miswi izokure yayagura nk’abana b’inyoni, icitwa urukundo bacumva mu matwi na narirya urwari rwabubakiwemwo rusambutse.

Urwevu rero ni uru:

Ibuka ko turwana n’ibinyamubiri, impwemu mbi ziva hirya no hizo na canecane muri ba Sokuru. Nimba ubona uri hafi gusambura, nyaragasa, utangure uze uravuga ushimitse Psaume 11. Iyo psaume izogutuma kwirukana Shetani hagati yanyu. Iyo psaume izogufasha kwirukana ama démons ya violence. Na cane cane wewe se rugo, ntiwemere ko shetani aganza mu rugo rwawe.

Ukamara kuvuga psaume 11 urashobora n’ukuyikurikiza n’isengesho ry’ukwirukana dayimoni za violence mw’izina rya Jesus ku bamwemera.

Umaze kubigira gutyo, uheze rero, na canecane wewe Se rugo, uce uza uravuga psaume 45. Iyo psaume, mu kiringo uzoba wamaze kwirukana ibinyamubiri vya violence, nayo izoca igufasha kugarura urukundo mwahoranye . Gutyo muzoheza muce mutunga mutunganirwe, inka n’imirima bibashware.

Ukabona uruhiye kwahukana kandi Imana iguhaye runo rwevu, uzomenye ko uzobibazwa.

UKWAHUKANA , KURYA NYENE K’UKWIYAHURA, NI UMUVUMO!

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 459