kirundiUncategorizedUrwevu

# Urwevu: Ngo ”wararangije” amashure ?

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yova mu nzitizi arimwo.

Kenshi rero turasanga amajambo dukoresha ariyo aza mu bwonko bwacu agaca aza kutubera inzitizi. Ah’ukuvuga duti naka yararose urupapuro rw’umutsindo rw’ivyo yize tugaheza tukavuga ngo ” Naka yarahejeje amashure”. Ahubwo mbere ntidukoresha n’ijambo “uguheza”, dukoresha ijambo “kurangiza”. Ayo majambo rero ni amwe mu biza kutumugarika, tugaca twicara ngaho, turindiriye ivyo twita “akazi”. Yamara ugasanga nako kazi iyo tukarose tugumye twidoga, kuko umushahara turonka usanga ata kimaze kinini udufitiye.

Niwikuramwo ko ‘ Warangije amashure”, urashoboye guhindura ibintu.

Ni wewe nyene ushoboye guhindura ubuzima bwawe. Ubuzima bwawe, ubwenge n’ubushobozi bwawe ni wo mutahe ukomeye cane ufise. Ingingo ikomeye wategerezwa kugenederako mu buzima n’iy’ugufata umugambi w’ugushobora kuba ico cose wifuza kuba.

Ubushobozi ufise bw’ukwiga, bw’ugukura buri musi maze ugashika aho ugira ubushobozi bw’ugukora ivyo wifuza gukora vyose niyo mahirwe ufise akomeye nk’umuntu afise umutwe n’ubwenge.

Muri ino myaka, hari abantu bababandanya biga n’aho baba bageze mu za bukuru, bageze mu myaka igera ku murongo indwi( 70) maze bakabandanya bongereza ubushobozi mu vyirwa binyuranye.

Abanhinga bamenyesha ko ubushobozi bw’ubwonko bwawe bw’ukwiga bushobora kubandanya ubuzima bwawe bwose mu kiringo ugumije ubwonko bwawe bukanuye kandi bukora neza.

Ubutunzi ufise bukomeye ni « ubushobozi bw’ukuba woshobora kwiga » kubera ko, ukwiga aribwo buryo bukomeye ufise bw’ukwongereza ubushobozi, nico kirwanisho gikomeye ufise.

Ushobora kuba ataco ufise uwu musi, ushobora kuba udafise n’aho ukika umusaya, ushobora kuba udafise ifaranga na rimwe muri banki, yamara igihe cose ugifise ubwonko bugishoboye kwiga, umenye aho ko uri ku gahiye. Fata ingingo, utangure kwiga ico cose wifuza kwiga.

Abahinga bavuga ko bisaba imyaka indwi kugira umuntu ashobora kuba abaye umuhinga muri ico kintu cose abamaze kwiga.

Nimba uri umwarimu, hakuguma widoga ngo Leta iguhemba rumwe, ni igiki kikubujije gutangura uwu musi kwiga ubuhinga bw’ukudandandaza ( techniques de vente) kugira ngo ejo uzobe uri umu professionnel mu kudadanza maze uheze wigenge?

Iyo myaka indwi, humiriza gato gusa uzoza ubona igeze , ucidogera aho wicaye.

Fata ingingo y’uguhindura ibintu. Ikibazo utegerejwe kwibaza buri igihe uvyutse ni iki: Ni igiki gishasha naraye nunguye mu bwenge nfatiye kuvyo nifuza kumenya?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 494