BurundikirundiUncategorizedUrwevuyouth

Urwevu: Rumwe mu mpfunguruzo zugurura uturyango tw’ivyumba biri mu bwonko.

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira ibijanye n’uko yohindura ibintu

Mu bwonko bwawe rero niho urukiza rwawe ruri. Ubutare, amafaranga eka n’ibindi vyose wifuza biri mu vyumba bigize ubwonko bwawe.

Mu gitabo canditswe na Napoleon Hill citwa ” Think and grow Rich” arererekana ukuntu, ubwoba bunyuranye bwatumye imiryango y’ahabitse amatungo yacu mu bwonko yarahavuye ikiyugara.

Mu bwoba rero buza imbere y’ubundi bwose ni ubwoba bw’ukuba umworo( La peur de la pauvreté, fear of poverty ). Ubwo bwoba rero, nkuko twigeze kubisigura ni ubwoba buza muri wewe bukakwereka ko ataco woba ugishoboye. Kumbure kubera ukugerageza incuro nyinshi bikanka, ugasanga wahavuye wibaza ko bitoshoboka. Kumwe ba Sokuru bavuga ngo “Umuntu aratuna bugatondera”, n’ukuvuga ko uba warahevye ingwano kuko uravye inzira zose zogukurayo ubona umengo ntizishika.

Ikintu woshira ku mutima kandi ukazirikana n’uko burya ikizogukiza ari ikintu usanzwe ukunda cane gukora , ku rugero rw’aho umengo n’uwokubwira ati gikore udahembwa bitokubuza ko ugikora mu gihe cose woba ukironka utwo ucisha ku munwa.

Kesnhi yamara, ico kintu ukunda cane( passion) hari igihe uca wumva ivyiyumviro umuyoro bikubwira ngo no ivyo bizokumarira iki? Iyo bigenze uko, n’ukuvuga ko ivyo bishobisho biba biriko birugara umuryango w’icumba c’ahantu hovuye inguvu nyishi zigufasha kuko, kanatsinda, ikintu cose ukora wumva ukunda kiba arwo muhamagaro wawe.

None uti urwo rupfunguruzo ni urwahe?

Abaciye urwevu imbere yacu baremeza ko amazaburi ( psaumes ) nazo akaba ari indirimbo zaririmbwa n’umwami David  mu bihe binyuranye , ari amajambo akomeye yugurura imiryango iri mu bwonko.

Nko kukijanye n’ubwoba bw’ubukene( Peur de la pauvreté ) twasanze psaume 3 ishoboye kwugurura umuryango wo mu bwonko , ahabitse ibijanye na Passion yawe. Mu kiringo ushoboye kuyisubiramwo incuro nyinshi zibaho( guhera ku ncura 50 zirenga) uraheza ukaza wumva ivyiyumviro binyuranye bitanguye gusohoka.

Umenye ko, isi imana yagusezereraniye kuzobamwo iri mu cumba kimwe kiri mu bwonko bwawe. Aho niho, niwashobora kwinjirayo, uzoba ushitse muri terre promise. N’ukuvuga ko uzoba winjiye aho uzorangurira ibikubikuru vuakuzanye kuri iyi si. Niho uzoba ukora ibintu ukumva ubikora ubikunda, ubikora bikoroheye, ubikora bikaguteza imbere haba mu buryo bw’impwemu canke uburyo bw’amafaranga.

Rondera uburyo bw’ukugurura uturyanko turi aho mu bwonko bwawe, niho hanyegeje amatungo yawe.

Uzobona ko akaryango kugurutse ugiye wumva ivyiyumviro bije ku bwinshi, amaso agaca atangura kubona ivyo atahoro abona, canke ivyahora bimuca mu mutwe yamara akabifata nk’ibitagira agaciro.

Wibuke uko usubiramwo ko ariko ukurikiza igisabisho kijanye n’ivyo wifuza, ko Imana yokwugurura amaso ukamenya uko wokora ico wahamagariwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 537