homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu| Uku niko jewe ndiko ngwana intambara y’ugushika kw’isonga( 1)

Mu mugambi w’ugushika ku masonga y’umusozi nihaye , nahisemwo kwiha ihangiro ry’uko noba nkwije igitigiri c’amafaranga mu myaka indwi. Kubera iki nahisemwo kw’iha igitigiri kitari gito c’amafaranga? Abahinga batubarira ko, igihambaye wanashaka atari igitigiri c’amafaranga uzoba ufise, igihambaye n’ico uzoba warabaye kugira uyashikeko. Ubwenge uzoba waraciye, inyifato uzoba warahinduye kubera iryo hangiro.

Amafaranga rero nihaye gushikako naciye ndayafata nk’inkabuzo, ikintu contera kwihata, maze nkarondera kurwanya inzitizi zose, ngaca imigozi y’ubwoba, ubukene, n’ibindi vyose biduhanze mubona ko atari bike!

Ico maze kubona ariko n’uko bitoroshe namba, kuko bifata ikiringo kitari gito kugira ushobore kuronka isanamu itomoye y’ugushikiriza ka gatimatima ( Subconscient) kari mu bwonko , kugira nako gaheze gafate akanya k’ukuyakira. Abahinga bamenyesha ko, inyishu z’aba iz’amasengesho ukwo ari kwose iza kuboneka mu kiringo , isanamu y’ivyo wifuza ihejeje ikakirwa n’agahande gakorana na Rugira vyose maze inyishu zikabona gushika.

Mubiravye neza, abandi bateye imbere yacu n’uko bamenye iryo banga ry’uko hari inkomezi ziri mu bwonko maze bakamenya kuzikoresha. Nta nkeka ko wewe nanje twoteba tugashika kuvyo bashitseko kuko twese tungana Imbere Y’Imana.

Niwihe igitigiri c’amafaranga ushaka kuba ufise mu myaka hagati ya 5 na cumi, nuheze wiyumvire ico uzoba ukora kugira uyashikeko, hama rero wihe kwama usubiramwo ko , mu kiringo kingana gutya , uzoba ufise amafaranga angana gutya, ukaba uzoyaronka mu buryo butya.

Ni vyiza ko ugura igitabo citwa” Think and Grow Rich”. Ukaba utahura icongereza, heza ugi telecharger kuri Google urakironka kuri gusa. Ni nk’uko kandi ushobora kuronka version française ya Audio kuri Youtube uheze uronke impanuro zikwiye.

CA URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691