BurundifrenchkirundiUncategorizedUrwevu

Urwevu: Umunezero ni iki?

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yobivamwo!

Muri iki gitabo twama dukunda kuvuga canditswe na Brian Tracy citwa “The power of self-discipline ” ku bamaze kugisoma( nibaze ko muri benshi kuko kiriho kuri Play Store) murabonamwo muri Chapitre yambere” Self-discipline and success” aho yanditse ko, umuhinga  mu bijanye n’ivyiyumviro, ARISTOTE ngo yanditse mu gitabo ciwe y’uko, intumbero nya mukuru y’ubuzima bw’umuntu ngaha kw’isi ari ukugira umunezero.” The ultimate aim of human life is to be happy’‘. Aronengarako ko uwu mu philosophe ARISTOTE ngo yongera akavuga y’uko ikibazo twese twoza turagerageza gutangira inyishu ari iki: Ni gute twobaho kugira dushobore kugira akanyamuneza?

Abahinga benshi rero barihweje abantu ngo basanga vy’ukuri, ngo ni abantu bake bazi n’ico bashaka mu buzima.

Ariko ku bwacu, ikibazo mbere nticari n’ico, kuko bigaragara ko umuntu wese yifuza umunero. Tugerageje guca urwevu, tukaraba irya n’ino, dusanga Ikibazo nyamukuru , umwana w’umuntu afise ahubwo ari ukumenya iyo umunezero tugomba twowukura.

Imvo rero zituma imishaha yacu itabagurika igacika ubunwenwe nyabuna n’ukubera izimagirika. Kenshi twinjiza imitwe mu mashamba arimwo imibambangwe maze tukibaza ngo tugiye kurondera umunezero, tukazoza gutora akenge turiko turajejeta.

Abahinga banditse igitabo citwa “les 7 péchés capitaux ” bitwa Luc ADRIAN NA PERE PASCAL IDE? nibo bandika ku rupapuro rwa 14 gutya: ” En hebreu, le verbe pécher signifie: manquer son but, se tromper de cible . Quelle cible ? Le bonheur? pécher c’est se tromper de bohneur …”

Ikigoye kiremwa muntu rero n’uko kenshi atumbereza umushaha mu vyo abonesha amaso kuko yibaza ngo nivyo bizomuha umunezero, yamara kenshi ntibigende ntyo. Umwami Salomon, yaravyihweeeje vyose aca avuga ati ” Vyose ni’ ivy’ubusa”.

Kimwe nya mukuru umuntu rero agira ibibazo n’ukwibaza y’uko umunezero wiwe azowukura ku wundi muntu. Uwo wundi muntu nawe iyo bahuye, araheza nawe nyene akaba yiteze ko uwo bahuye amuha umunezero.

Bimaze kumera gutyo, mu kiringo, ivyera bitanguye kwerura, akamoto k’ibishobisho gatanguye gutuma, baraheza  bagasigara bameze nk’abahanganye, umwe wese aboshe uwundi, bose bagasa nk’ababa bariko barabwirana : umwe ngo mpa, uwundi ngo mpa! bigahava bihinduka ico twokwita ” Mpa nguhe!

Aho rero bimeze gutyo, biba ,noneho vyabaye urudubi

None umunezero nyakuri uri hehe?

Umunezero nyakuri uva ku Mana. Niho honyene hari urukundo rutari “mpa nguhe”. Mwihweje muri Zaburi ya 62( kandi tuzoza turigarukako iri mubizotubohora), muraheza mukabona uko umwami Dawudi yariko aravugishwa n’impwemu y’Imana , aho yavuga ati ” Imana ni yo mahungiro yanje. Ni muyizigire igihe cose mwa bantu mwe,serure iriri ku mutima imbere yayo,Imana niyo mahungiro yacu.

Nkako, bene Adamu ni ubusa gusa,abana b’abantu ni uruhendo, bagiye ku munzane bose hamwe basumvya impwemu guhwahuka”.

Abahinga mu gukoresha inguvu za Zaburi, bamenyesha ko iyo zaburi mugihe ugiye urayivuga maze igateba ikanyengetera iheza igahindura umushaha wawe gutyo ukaronka ingabirano zinyuranye z’urukundo n’ukurekuriranira mubona ko bitobura kutugirira ikimazi twebwe biremwa vyene Adamu vyiswe ABARUNDI.

Murangumirize gusa!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 556