kirundiSpirituality and progressUncategorizedUrwevu

Urwevu: Urukundo rwoba rwaratumye? Menya hano imvo be n’umukenyuro,murugaruze.

 

isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo

Uko biri aho tugeza amaso

Maze rero ugasanga abantu bagishakana , imitima yabo ikaba yuzuye urukundo. Uwuryamye, akaryama ntibuca. Uwubunye uwundi umuti ngo di! gutyo dogirigori, bagaheza bagashika aho bashira ku muco , bakaja imbere y’abavyeyi bakabishima, nyuma bagaheza bakaja imbere y’abakozi b’Imana bakabahezagira, tutibagiye umuserukizi w’amategeko nawe kandi aba yabateresheje igikumu, bakandikwa mu bitabo vy’abubatse imbere y’amategeko.

Muhira, urugo rukaba ruravyutse, ibishobisho bikirurumba, bikiruguta kurya k’urubeya. Yamara uko igihe kihaca, umuriro ukagenda uragabanuka, bigasa nk’uko hasigaye hegenyezwa inkwi zitumye. Ahahora imbeya hagatangura kuza ivyotsi bipfumbuka kurya k’uwutetse itanure. Umuco ukagenda urabisikanya bukebuke n’umwiza. Iyo uno canke uriya atwenze ah’ukubona bimwe wahora wita “sourire” ukibonera amenyo gusa. Ivyo wahora wumva bikurwa neza mu matwi bikagenda birahinduka bitera bisa nk’agahemo nyabuna. Dogiridogiri, ibintu bikagenda biragenda ruhenga, uwahora ari umutware akagenda arahinduka  umutwaro, uwahora aturwa inkora, agaturwa ibinono( Akavuze Nkeshimana mu muduri). Uwari umufasha agahinduka igifashi, inzitizi, umusalaba canke umusazi amahanga.

Iterambere naryo rigateza imbere ritambagaza, rikaza kwubaka ibihome , umwe wese akagira amabanga yisangije. Codes mu ma telephones ziti ba! Ivyari vyitwa ibanga ry’akatabonwa na bose mwari musangiye bikaza kurutwa kure n’ibivugirwa canke vyandikwa muri za telephones be n’abandi bantu, kuko vyovyo utaba uri digne y’ukubimenya! Ukaza wumva ngo” jewe tubanye neza sinshaka kumenya ibiri muri tekephone yiwe ngo nawe nyene vraiment nta phone yanje arabamwo’. NAHO SHWI!( ubwo bwenge mwebwe mubukura hehe? Ivya telephone tuzobigarukako).

Ivyo abaciye urwevu babona.

Abaciye urwevu baraheza bagasanga ivyo vyotsi biza gusubirira umuco bifise iyo bizanana mu buryo bw’impwemu. Urihweza neza: ubwo ntivyoba bigushikira ko mu gihe cose ugerageje kwiyegereza uwo mubanye ahubwo ariho bica bikomera? Mu kirundi niho tubivuga neza ngo” twaragerageje biranka. None wibaza ko ari ibiki vyanse? hariho ibintu vyanka nyene.

Hari imyuka iva muri ba Sokuru. hari imyuka mubi bita imyuko yo mu mazi( les esprits des eaux) iza igatera mu rugo ikanka y’uko mushirahamwe. Bivanye n’uma Contrats vyagiranye na ba sokuru biraheza bikaza bigakurikira umwe mu bubakanye hama bikamwita nk’uko ari uwavyo. Gutyo rero bica biba jaloux, bigaheza bigatuma bimuha ivyiyumviro bibi, ukukwikeka, canke bikagutuma ugira ingeso mbi kugira agukureko agatima. Ikindi bikoresha ni séduction. Biraheza bikama vyegereza urugo rwanyu inkumi canke imisore kugira umwe muri mwebwe aheze atwarwe, kandi iyo bibikoze gutyo, hagize aho umwe aterwa akaja muri izo nzira, biraheza bigaca bikora ibishoboka vyose kugira agufate. Nyawayo nawe agaca yibaza ngo ” Imana irankunda ivyo ukoze nca ndabifata” Naho ni manipulations diaboliques kugira gusa hagume hapfumbuka ivyotsi!

Birya vyose umuhora, kurya kugira ngo wasanze uri déçu, ntugire nivyo. Ni ukubera amarori urabiramwo ari commande ya Shetani. Birya agira ugaya ntugire ngo abigira abishaka. Yaratewe! Mbega ko mwafatanye akaramata, iyo agwaye ukamuvuza ukarara mu bitaro, kuki utanamusengera akava ibuzimu akaja i buntu?

Umukenyuro hakoreshejejwe ijambo ry’Imana.

Umenye ko birya vyamuteye biba vyavuye muri ba Sokuru biwe nawe ubu vyarakwandukiye biciye mu nzira iguhuza nawe. Weho rero nimba waraciye urwevu imbere yiwe, uraza urakora bino.

Urafata uze urazisoma , uzizirikane, psaume 31 hamwe na Psaume 62.( Hama uzoce wongera une prière d’intention, n’ukuvuga uvuge ivyo wifuza kuko umaze kuvuga izo psaumes uzoba wamaze kugurura amatwi y’imiyaga ibahanze. Kandi  uzomenye ko bizoba bikumva naho utabibona. Birumva!)

Iyambere izoguha kubona umuco. Iyakabiri izoguha kugira amahoro, urukundo be n’inkomezi z’ukurekurira mugenzawe.

Utabigize, yaba uwo witaba ko ari ikigaba, muzohungurukana mwese muve ku magorofa mukorokere ku maguru y’ingazi; mu buryo bw’impwemu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 496