homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Bimwe muvyo ukwiye kwama uzirikana.

Nk’uko rero abahinga mu bijanye uko umuntu ku gatwe kiwe ashobora gushika ku masonga , birasaba ko utegerezwa kuba ufise ihangiro uzoshikako mu myaka iri hagati ya 5 na 10. Ukaba umaze kuba ufise iyo sanamu mu mutwe, ni vyiza kuko ubu bica bikworohera na narirya uca utambuka muri buno buzima nk’uwuzi iyo agiye.

Nayo ukaba utaricara hasi ngo wiyumvire ico uzoba uri muri myaka iri imbere, aha twoguhanura ko woheza ukanyaragasa, ukicara hasi ukiyumvira koko , ufatiye kuvyo wiyumvamwo, ukicara ugategekanya isanamu y’ico wifuza ko uzoba uri muri iyo myaka iri imbere. Iyo sanamu itegerezwa rero kuba isonga wifuza kuzoba washitseko ufatiye ku vyo wewe wifuza( Passion).

Twama tubivuga ariko ntituzohengeshanya kuvyibukanya kubera tuziko benshi bitaborohera. Benshi bashaka kubaho uko bukeye uko bwije. Ariko muri ico gihe abahinga baca bakubarira yuko usa n’uwaje muri buno buzima kuyebayeba. Uba uriko uratwarwa n’imikuba y’ubuzima kurya k’uwutwawe n’uruzi. Imiyaga n’ibihuhusi biraheza bikajana iyo bishatse. Aba ni babandi usanga uno musi yiyumvira kuno, bukeye akiyumvira ukundi. Baraheza bakamera nk’ibohe, kuko mu kugerageza inzira nyinshi zikanka baraheba bagasanga bahavuye bikikiza n’impome impande zose.

Impera y’iyo nyifato ni ubukene buvuye ku ruhumyi rw’umutima. Ni vyiza ko ufata ako kanya, bishobora kuzogufata imisi myishi, amezi canke n’umwaka urondera kuronka vy’ukuri iyo uriko uraja. Kanatsinda ntivyoreka kukugora kuko niyo ntambwe ikomeye mu buzima bwawe.

UKABA URIKO URAGENDAGENDA MURI BUNO BUZIMA UTAZI ICO UZOBA URI MU MYAKA HAGATI 5 NA 10 , NTURIKO URABAHO, URIKO URAJANDAJANDA! Ukanka kubutegekanya, uzoheza usaze ukorera abashoboye kubutegekanya, gutyo ufashe abandi gushika ku masonga yabo nk’uko umengo weho wari waje kuri ino si nk’imperekeza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691