homepageUrwevu

#Urwevu|Inzitizi zawe ni ibinyamubiri vyawe.

Nk’uko rero tubibona mu mpanuro abageze ku masonga benshi bakunda gushikiriza, biragaragara ko aho mu mutwe wawe hariyo ubushobozi burengeje, yamara rero tukaba twicaye ku gahiye tutazi uko turi bukarye.

Ivyo rero twise ibinyamubiri ni ukuvuga ivyiyumviro canke ibishobisho vyatunyegeyemwo bivanye n’ivyo tumaze gucamwo gushika uwu musi, ivyo twigishishwe, ivyo twategetswe, ivyo twiboneye.

ivyo rero biraheza bikaza muri twebwe bikatubera , iminyororo, inzitizi. Ivyo binyamubiri rero bidufatiye habi kuko bidufatiye mu mutwe. Ivyo ni vyo vyahavuye vyubaka muri twebwe inzitizi ” Bwoba” ari nayo kenshi ituma abantu benshi tudashika kuvyo twifuza gushikako ,kuko aho nyene wohagurukiye ariho uheza ukumvira akajwi kavugira mu mwijima ngo ” shaka wirekere ntavyo woshobora”.

Mu kiringo wamaze kwemera ko ibiguhanze ari ibiri muri wewe nyene, ibinyamubiri vyawe , guhera uwo musi, uzoba uciye urwevu nanarirya uzoba ugunduye aho umwasi yinyegeje.

Abahinga batumenyesha , mu co bita ” la loi des correspondances” yuko ibidushikira hanze yacu vyose ari isanamu y’ibiturimwo nyene. Uburyo rero bw’uguhindura ibidukikije bwiza ni ukubanza tugashira discipline mu binyamubiri, ibi bishobisho vy’abansi bacu ( émotions négatives) biba vyarahejeje bikatubera inzitizi , bikaturya bitwicayeko.

Ivyo bizogutuma uca ubwenge, ureke kwama uta ishavu ku bigukikije nyabuna urabe uko uhagaze. None nimba uhagaze aho imvura iriko irwa ushaka ureke kunyagirwa gute? Abahinga bakumenyesha ko ivyo uri uno musi, aho uri uwu musi ari inyishu y’urusukirane rw’ivyiyumviro hamwe n’ibishobisho vyawe.

Icara uzi ikinyamubiri kikuganje, ucigire ubwenge, ukirandurane n’imizi muri wewe nyene uzoheza uce wumva ko uremurutse uheze utambuke woroherewe kuri runo rugendo rutoye ducishijwe hano iwabo w’Isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691