homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Ivyiyumviro vyawe vyokuviramwo umwimbu wifuza gute?

Nk’uko rero abahinga banyuranye bama babigarukako, ivyiyumviro vyawe nivyo biteba bikavamwo ibikorwa vyawe. Ibikorwa vyawe navyo bigaheza bikavamwo umwimbu wawe.

Abahinga rero bakubwira ko kugirango ivyiyumviro vyawe bivemwo umwimbu mwiza, bivana n’ibishobisho ubifatanije. Ibishobisho( émotions) rero ni ikintu gikomete.

Aha dufashe rero ko iciyumviro cawe ari urugemwe, n’ukuvuga ko ibishobisho bica biba intabire. Ibi rero biraheza bigaca vyerekana naho qualité y’urugemwe utera ifise akamaro kanini, igihambaye kandi cane n’isi uruteramwo n’intabire urukikiza.

Nta muntu adashaka amafaranga. None muri wewe uriyumva koko, muri wewe nyene, mu gaciro wiha mu gatimatima ko ukwiye kuba umutunzi? Abahinga bakumenyesha ko , mu kiringo uko wiyumva muri wewe nyene , hariya mu gatima kure, ugasanga wumva hari akajwi kakubarira ngo ntavyo woshikako, aho ntibizopfa bigushitseko.

Nk’ukwibutsa rero, woheza mu kiringo ufashe ingingo y’ugushika ku butunzi, ukiyemeza ko utegerezwa kugera aho udahanga amaso abandi kugira ngo ubeho( Indépendance financière), woheza ukabigenza gutya: buri gitongo utora ikaramu n’urupapuro ukiha indero y’ukwandika imvo 20( raisons) ubona vyotuma utegerezwa kugishikako. Kuko abahinga bakwibutsa ko, umuntu burya adakeneye amafaranga kuko kanatsinda ari impapuro zisanzwe, ahubwo akeneye ivyo amafaranga ashobora kumufasha. Uraheza rero ugaca wama ugira urwo rutonde, buri gatondo,wandika ibintu uzogura, wandika uko uzoba umerewe, umunezero bizogutera kuba ufise ayo mafaranga, uko uzoba wambara, uko uzoba wubahitse…

Ivyo rero uraheza ukaguma ubigira gushika aho ka gace kari mu bwonko bwawe bivurwa ko gakorana n’Imana( Intelligence infinie du subconscient) gateba kakanyurwa , kakaronka isanamu ikwiye, ikikijwe n’ibishobisho, maze kagaheza kagaca kanyaragasa kubishira mu ngiro. Ugatangura kwumva ufise ingoga nyinshi, ukumva agatima kawe aho uri hose arivyo kiyumvira. Bimaze gushika aho, nta nkeka uzoca utangura kuhabona hama mu gushika aho kw’isonga bizoca bikworohera nk’inyoni yarara.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 690