homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Koresha ubwonko bwawe kugira uhindure ikibanza ( 1)

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Icatumye abandi batera imbere kuturusha n’uko bamenye uko ubwonko bwabo bukora, maze bakamenya inkomezi ziri mu bwonko bwabo gutyo bakamenya uko babikoresha. Uko tubisoma rero dusanga muri ubwo bwonko bwawe harimwo agahimba kitwa subconscient , ako nako akaba ariko kariko karakoresha uwo mutima wawe hamwe n’ivyo bindi vyose biri muri wewe biriko biratuma imigende y’amaraso inyuragirikana utazi n’ibiriko biraba.

Aho muri ako gahande nyene rero agahimba gakorana n’Imana( Intelligence infinie) niko gakorana n’Imana gaheza kakamenyesha Imana ivyo ukeneye. Ako nako rero gatanga rapport gafatiye ku vyiyumviro vyawe, isanamu wewe nyene wiha maze kagaheza kakibaza gati nivyo nyene ukeneye. Uraheza ugaca usanga ibiriko birakubako bihuye nyene n’isanamu wewe nyene wiha( Self-image).

Iyo sanamu wiha( self-Image) niyo rero imeze nk’impange yuzuye umuvinyu maze ibintu vyose bibanza kugushikira biraheza bikabanza bikadwikwibikwayo maze bikaza kugushikira mu buzima bwo hanze bifise akamoto n’isanamu ihuye navyo.

Biraheza bigaca vyumvikana ko, ibuhinga bw’uguhindura ubuzima bwawe ar’ukubaza ugakora ibishoboka ugahindura iyo sanamu iri mu ntimatima y’ubwonko bwawe. Ivyo nivyo tugiye kuza turabiganira nk’uko tuzogenda turabisoma mu bitabo binyuranye maze gutyo tugende turamenye twese hamwe icatumye abandi bashika kure mu butunzi, gutyo natwe tuzotebe dushikeho.

UWAKOZE INDEGE, UWAGIYE MU KINDI GISENGE CITWA UKWEZI, UWAKOZE IBI VYOSE URIKO URABONA, NTAFISE UBWONK BURUTA UBWAWE URETSE KO YAMENYE AMABANGA UTARI UZI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 690