homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Mariage| Zoca akenge, zoshobora kubana zidakubitana amahembe

Mu kiringo rero , Mariage rwari rwo rubuga rw’ukugaragariza urukundo hagati y’abubakanye, ibivurwa kuri yo ntabwo kenshi usanga bihumuriza. Abahinga bazi kuvyihweza kandi bakemera ivyandiko vyeranda baremeza yuko Mariage yatanguye guterwa mu kiringo nyene yari igishirwaho n’Imana. Nti hateye rero kabiri hadaciye hinjiramwo inguvu za gatatu, bivurwa ko yari Shetani, maze yavogereye abubatse bagaca bakora amakose yateye Ishavu ry’Imana maze bigatuma bava Muri Eden bari baremewemwo..

N’ubu rero ugasanga wubatse urahagabira. Uze wame umenya ko, mu guterwa mu rugo rwawe hazoza inguvu hagati yanyu. Izo nguvu zizoza mu buryo bwinshi. Izo nguvu nta yindi ntumbero yindi zifise atari ukubakura mu gihugu c’amahoro maze mukaja mu gihugu c’imiyaga, ingwano n’ibihuhusi.

Izo nguvu zifise amayeri menshi. Zizobatera ukwikekana. Udakanuye, zizoguca mu ryahumye zigukoreshe amakosa maze zice zizunguruka zigende ziyagaragaze hagati y’uwo mwunz’ubumwe. Cankwe mbere naho utazoba wakoze amakosa izo nguvu zizokoresha ubwenge bwinshi cane, zishobore kunyengetera mu mutima w’uwo mubanye zimwemeze ko umukorera amakosa, maze gutyo uyakora utayakora ntikibuze ko zirara zirasha.

Ugasanga wubatse urahagabira, kandi wirinde cane kwibaza ko uwo mwubakanye ariwe mu bi, haba na mba, hariho inguvu ( Impwemu) mbi ziriko zirondera gutandukanya abantu muri iyi myaka. Ukaba ushaka guca urwevu, maze ugende wihweze uko izo nguvu zikora, ubirabire muri Zaburi ya 10 nk’uko dukunda kuyigarukako. Urya mwansi avurwa( l’orgeuilleux) ni uburyo mw’isanamu y’ivy’impwemu bw’ukuntu Imiyaga ishaka gusambura ingo iriko irakora.

Woye rero guhava wibaza ngo niwe ari mubi! Haba na mba! Nyabuna wewe uciye urwevu, banza umenye umwansi muriko murarwana ka ari mu miyaga, hanyuma uzirwanirize mu miyaga nyene n’amasengesho. Wibuke ko uwo mwansi arondera kumbure ivyo bibondo( Igisiga gihwikira inkoko kirondera imiswi). Umenye ko umwansi wewe abona ico abo bana bawe bashobora kuzovamwo ejo. Igituma uterwa ashobora kuba ari inzira y’ukuburizamwo ivyo Imana yabageneye.

Ukaguma ushimangira mu mutwe ngo “niko zubakwa”, ngo” Ntazibana zidakubitana amahembe” bizohava bikugora woye kurwana n’umwansi wisinzirire maze umwasi azohava ahitana ayo mahembe mukubitana ahave abigisha kuyaziburana maze akayarwa kabe karayazwe, abafise abera bitwengera nayo ibibondo bisigare ku ngaratete! Nawe akaguru ugashira mw’ikoma ngo ugiye kuruhuka, naho shwi!!!

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 690