homepageUrwevu

#Urwevu|Ntuhirahire ngo ube uriko urabaho udafise Vision na Plan!

Mu kiringo rero woba waraciye urwevu, ukagira ihangiro ry’ikintu uzoba warashitseko mu myaka iza , iri hagati ya 7 na 10, ni vyiza nk’uko abahinga baguhanura ko woheza rero ukicara hasi ukagira plan y’ukuntu ubona uzobishikikako.

Abahinga baguhanura ko wokwama uzirikana ko ubu buzima ari urugendo rufise intango n’iherezo. Vyose warabihawe, warahawe ubwenge, uhabwa amaboko n’amaguru eka ibintu vyose nkenerwa kugira ushobore kugendera muri buno buzima mu munezero mbere n’abandi bazokubonereko akarorero.

Woba ufise vision ya kazoza kawe? Uramaze kuba ushobora kubona isanamu ryawe , ry’uko uzoba umeze mu buryo bw’impwemu? Ugasanga warabishitseko uri umuhizi! Ariko ntibikwiye, abahinga baca baguhanura ko wicara hasi rero ukagira plan y’uko uzohashika. Ushobora kuba koko utabona uko uzohashika ariko ,tora ikaramu wandike uko, wewe aho ugeza ubona wogira kugira uzobishikeko kuko nta kibuza ko igihe cose uzogenda urahindura gushika aho ushika kuri plan ubona ko ntabanduka eka mbere izoba yaremewe na Subconscient .

Nayo ukaba uriko wiberaho ukwo gusa, utazi iyo ugiye, wimereye nk’umuntu atambuka ahumirije.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691