homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Uku niko woshobora gukoresha inkomezi zirenze ziri muri ubwo bwonko bwawe.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Nk’uko rero twariko tubihanurana ejo hahise, ni vyiza ko uba ufise ihangiro, hagati y’imyaka itanu na cumi, utegerezwa kuba washitseko. Na narirya rero , mubona ibiduhanze aha Africa ari ubukene bw’amafaranga, nta cobuza ko ufata ihangiro( Vision) ry’igitigiri c’amafaranga uvuga ko uzoba ufise muri Bank mu myaka cumi iza.

Nk’uko tubisanga muri ca gitabo, “Think and Grow Rich” canditswe n’umunyamerika yitwa Napoleon Hill mu mwaka wa 1937, twama dukunda kugarukako, woheza rero ukarondera igitigiri c’amafaranga wumva umutima wawe ukubwira ko , mu kiringo wokora bino canke biriya atacobuza ko woba uyafise mu myaka cumi ikurikira.

Muri ico gitabo( Ndaguhanura ko wokigura nimba utagifise) araheza agatanga akarorero k’amajambo wokwama uvuga nk’uko twagerageje kubishira mu kirundi “ Igenekerezo rya mbere ry’umwaka …, nzoba nfise amafaranga angana gutya, azoza aranzako buhorobuhoro muri ico kiringo. Kugirango ndonke ayo mafaranga, nzokora ibishoboka vyose, n’itange ntiziganya nkora ibi n’ibi……( Aha ni ukuvuga ico ubona wokora kugira uyaronke) Ndizeye ko nzoba nfise ayo mafaranga. Ukwizera kwanje ni kunini cane ku buryo nshobora n’kubona ayo mafaranga imbere y’amaso yanje.Muri uko kwizera nyene, nshobora n’ukuyakorako nkoresheje ibiganza vyanje. Ni amafaranga andindiriye, arindiriye gusa ko nitanga ngakora ibisabwa vyose kugira ndayaronke. Ndindiriye gusa kuronswa intumbero itomoye y’ukuntu nzoyaronka kandi iyo ntumbero ninayironka nzoheza ndayigendereko”

Woheza ugafatira kuri ako ga formule ariko ntikibuze ko ushobora kukaryomanura uko ushaka, uko wumva umutima wawe wokakira neza. Intumbero rero y’ugusubiramwo ayo majambo ni kugirango , ka gahande gakorana n’Imana( Intelligence Infinie du Subconscient) kari aho mu bwonko bwawe, gashobore kuzoteba kakavyakira. Uzoheza rero uko ugiye kuryama, uko uvyutse usubiramwo gushika ikiringo kazoteba kakavyakira ko ari ukuri. Ico kiringo ntaco tuzi kuko bivana na buri muntu. Ariko ukabandanya ubigira uzoza ubona umusi umwe, hari nk’umuntu aje akakubwira ngo hewe, naraye ndiyumvira ko twokorana bino, ngo ndafise “plan”. Aho uraca umenya ko Subconscient yawe yishuye maze uheze unyaragase kubigendera. Ishobora n’ukwishura ukundi nk’ubu ukaza ubona uratoye nka Flash disque umuntu yataye, iriko iyo plan!!!

Twoguhanura ko wogira ama recherches yose ashoboka kuri ako gahande kitwa ” Subconscient ” kari mu mutwe wawe, gutyo uzoheza utebe unyurwe ko ufise muri wewe ubushobozi bukomeye cane wahawe n’Imana. Nta kintu na kimwe utoshikako mu kiringo woba ufise umwete n’ukwizera guhagije. Ivyo nivyo vyatumye abera batera imbere cane, kubera bamenye gukoresha izo nkomezi na wewe nyene ugendana.

CE URWEVU!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691