homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Ukwubaka si ukwubika inda! Akazimiye ntaho katarondererwa.

Nk’uko rero vyama bivugrwa kenshi, ukubaka ntabwo vyorohera bose. Nk’uko abahinga babimenyesha, igituma nyamukuru gituma ukwubaka bigorana ngo n’uko mariage ari ikintu gifise ubwicariro mu bishobisho. Ivyo bishobisho rero navyo nk’uko tubizi bikaba binyiganyiga, ku buryo usanga umuvuduko udaheza ngo ugumane inguvu watanguranye urugendo.

Abandi bahinga nabo mu bijanye n’ivy’impwemu, barerekana kandi ko , ngo hariho impwemu mbi mu miyaga nazo zirwanya mariage. Baraheza rero bagasigura ibintu bitari bike bijanye n’ivyo, aho banamenyesha ko hari impwemu zishobora kuva muri ba Sokuru maze ngo zigakwirikirana umuntu , ugasanga, bivanye n’inyifato kumbure Sokuru canke Sokuruza yagize maze bigatuma imiyaga mibi y’ugusambura iheza ikabatera mpaka ihiga ko mwoheza mugasambura.

Aba sokuru barayamaze bati akazimiye ntaho katarondererwa. Ukabona uno musi murara muriro, zikarara zirasha, canke ukaba usigaye wumva umengo uwo mubanye asigaye ari nk’umuzigo( Uruboho) canke umusaraba wikoreye, uraraba neza kuko waratewe.

Umwasi azoguhuma amaso, akwereke ko amagorwa ufise uyatewe n’uwo murikumwe kandi nyabuna ariwe ariko arenyegeza umuriro mu bwihisho maze mukabandanye mudyana gutyo imigisha yari yagenewe urugo iheze ifate iyindi nzira mu buryo bw’impwemu. Umwasi ariko ararondera ivyo bibondo wibarutse, kugira ngo niyamara kubasanzaza izoce imubera imiswi amiragura bimworoheye.

Intambara rero zo mu miyaga , zirwanwa no mu miyaga nyene, nkuko tubibona abatari bake bamaze kubishikiriza, ukaba ubona urugo rugeze habi aho wumva umengo wokwomoka, woheza rero ugatora Izaburi ya 10, ukayivuga, ufise mu mutwe ko umwansi uriko uravuga ari umwasi utabona ari mu mu bwihisho ntuhave utumbereza kuwo mwubakanye kuko turwana n’impwemu

Ababizoberereyemwo baguhanura ko woyisubiramwo incuro icenda, gushika aho uzokwumva nayo yamaze ku kunyengetera. Mu kiringo rero uhejeje gusubiramwo izo ncuro cenda, woheza ugaca uvuga isengesho ry’urugo , ugasengera urugo.

Ababitohoje bamenyesha ko mu kiringo ubanadanije ukoresha iyo psaume uzoheza ukaza urabona ibihinduka, maze umutima w’ukwahukana ugende urahera mu rugo ku neza ya mwese.

Akazimiye ntaho katarondererwa!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 690