homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Uracibuka indoto wari ufise imbere y’iyi myaka cumi urangije?

Nk’uko abahinga babiciye irya n’ino babimenyesha,twese turafise indoto, twese turifuza ko umusi umwe twoshika kuri bino canke biriya, twese turumva ko hari ikintu twari dufiise nk’impano abandi badafise kandi tukumva koko ko iyo mpano yoshobora kugira ico itwunguriye , eka ikagira n’ico ifashije abandi.

Mu buzima bwacu kenshi twese turafise indoto twifuza kuzoshikako , yamara, uko imyaka ihera niko iryo tara, iyo ndoto kenshi isanga yagiye iramirwa n’umuyoro w’ibibabazo binyuranye ducamwo mu buzima maze, ikazohereza kugenda amazimayongo kurya kw’urugemwe rumizwe n’urwire.

Woba wibuka indoto( Vision) woba wari ufise mu myaka cumi irangiye? Woba uno musi uri aho wari warategekanije kuba uri? Mbega ubu hoho urafise isanamu itomoye ijanye n’ico uzoba uri mu myaka cumi iza?

Abahinga bakumenyesha ko igituma uno musi utaguwe neza nk’uko wavyifuza ar’ukubera utigeze ubitegekanya. Iyo myaka irangiye nta sanamu wari ufise y’ivyo uzoba uri uwu musi. Ukwo nyene, niko bizokugendera mu myaka cumi ikurikira mu kiringo utokwicara hasi ngo utegekanye ivyo uzoba hama wemere n’ukuriha igiciro gisabwa.

WINJIRA MU KIBIRA UTAZI, UGACA INZIRA UTAZI.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691