homepageIvyaranguweUrwevu

#Urwevu|Urafise isanamu mu mutwe?

Ukaba rero waramaze gufata ingingo , ukiha vision uzoba ufise mu myaka cumi, ca , uhera uwu musi urondera isanamu ihuye n’ico uzoba uri. Ugasanga wihaye ihangiro ry’ukuba uri umutunzi , ufise amafaranga runaka kuri compte, abahinga baguhanura ko woheza rero ukarondera isanamu ihuye n’uko uzoba umeze. Iyo sanamu uyirondera mu bwenge bwawe. Utegerezwa kugera aho ushobora kwicara ukabona neza uko uzoba umeze. Uzoba wambara gute?( Vue) Uzoba uvuga gute? Uzoba wisiga parfum imota gute?(Odorat), uzoba wicara mu modoka ifise intebe zifutswe n’ibitambara bimeze gute?( Toucher)….

Aha ico abahinga baguhanura n’uko , mu kurondera iyo sanamu woheza ugakoresha inzira zitanu zitandukanye, umuntu ashobora gushikira umushaha aciyeko( Les cinq sens). Ivyo biraheza bikagufasha rero gukorakoranya ivyo vyose ushaka maze ugaheza ugashobora kuvyura ibishobisho ( émotions).

Mu kiringo ushoboye rero kuvyura ibishobisho bifatanye n’iyo sanamu yawe, uzoheza bice bikworohera kuko ka gahande Subconscient gakorana n’Imana rugira Vyose bivurwa cane ko gakorana n’ama émotions.

Ukuronka iyo sanamu bizokuguro, bizoba igikorwa c’imisi myinshi. Umwanditsi Napoléon yahanuye ko wofata buri musi iminota 30, ukicara urondera iyo sanamu gushika aho izoteba ikaza ikamata mu mutwe. Umaze kuyibona, ibizokwirikira uzokwisanga uriko urabikora utazi n’igituma kuko subconscient niyo izoheza ikagutwarayo. Igituma dukenye, n’uko dufise ubwoba bw’ubukene maze rero subconscient yacu igasanga tuguma tuyibwira ubukene, igahava yibaza ko arivyo twifuza gutyo ikadutumbereza hiyo nyene. Uraheza, iyo wiswe ngo ugiza amahirwe, ugaca uronka akazi uhembwa uhemberwa abadandaza ivyo ufungura n’ivyo wambara, nyen’inzu upanze, bene amashure privées abana bigamwo, maze bugingo usigaje intica ntikize bagaheza abakoresha bakaguha aga crédit aga crédit mu mushahara( Igigufatira umushaha gusa) maze ngo ugumz uhemahema, ubandanye wimbura niwasaza uheze uce ugenda muhira utekerewe utwo wabikiwe twinshi uzoheza ukagabura na Muganga nawe kuko hagati aho umubiri wawe uzoba ukeneye gushigikirwa.

Ivyo si bibi, yamara , weho ukiri muto urarekuriwe kurota indoto ziruta ivyo iyo aba batwibarutse bageze. Urafise uburyo bw’ukwurira imisozi miremire mu kiringo womenya neza ivyiza vyo ku masonga. Nti waje kuba imperekeza. URASHOBOYE!

What's your reaction?

Related Posts

1 of 691