BDUSAAlbinosBurundiDiaspora Organizationshomepagewanajeshi kamili

#BDUSA | Ng’ayo amazina y’abo mugiye kuzokwitorera ngo barongore ishirahamwe ry’Abarundi bose baba muri USA

Inyuma y’uko ikiringo c’ukwiyandikisha ku bazokwitoza  ku nzego zinyuranye zigiye kurongora Ishirahamwe rihuriyemwo Abarundi bose baba USA cari carangiye ku musi wa gatanu, kw’igenekerezo rya 07 Ruheshi nkuko bitigeze bihengeshanya kwibutswa, ubu nyene  urwego rujejwe gutunganya ayo matora ruhejeje kumenyesha urutonde rw’abashoboye kwiyandikisha ku nzego zinyuranye n’abo akaba ari aba bakwirikira:

 

 

Ku rwego rw’ubuyobozi ( présidence) hiyandikishije babiri 

– Sammuel NDAYIRAGIJE ( ARIZONA) ariwe yari asanzwe ari hejuru muri iryo shaka ry’uguhuza Abarundi bose baba muri Amerika

-Elvis KAZUNGU aba muri Leta ya OHIO

Ku rwego rw’umuhanuzi ( Conseiller)

Alphonsine NDAYIKENGURUKIYE( aba muri Leta ya MINNESOTA

Ku rwego rw’umunyabanga mukuru( Secrétaire Général)

Emeryne GAHIMBARE( Aba muri Leta ya OHIO)

Ku rwego rw’umunyabigega( Trésorier)

NKUNZUMWAMI Siméon( Leta ya ALABAMA)

NDUWIMANA Ismael ( Leta ya ¨PENNSYLVANIA)

Aha tuboneyo kwibutsa ko ukwiyandikisha kw’abashaka gutora kukibandanya kukaba kuzorangira iginekerezo rya 26 Ruheshi nayo amatora nyezina akazoheza agaca atangura igenekerezo rya 27 arangire kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi nyene.

 

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 724