BurundiAyagezwehoEast Africa NewshomepageIKIRUNDI_news

Uwutaraterwa urucanco rwa COVID yemerewe ibiharurwa ku ntoke i Kigali

Uwudafise urukingo rwa Corona Virus arekuriwe gukora ibintu biharurwa ku ntoke mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho ni inyuma y’aho habonekeye umugera mushasha wa Corona witwa Omicron ari nawo uhangayikishije isi. 

Guhera kuri uyu wa 10 nzero 2022 abatwara abantu ku ma Moto, no mu miduga ntibazoba bemerewe gutwara umuntu batarafata inkingo. Haraheze imisi abava hagati mu gihugu baja i Kigali canke bava i Kigali baja hagati mu gihugu bakoresheje imiduga itwara abantu batemerewe kwurira imiduga.

Abaja mu masoko, mu bubare, mu buriro co kimwe no mu mazu akomakomeye atandukanye bakaba nabo basabwa kubanza kwerekana ko wikingije n’imiburiburi urukingo rwa mbere rw’ico kiza.

Ubu hagiye gutangura igice ca kabiri c’umwaka w’ishure, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu bukaba bwasavye abigisha kudahonyoza ikirenge mu bigo vy’amashure batarahabwa urukingo rwa gatatu , urwo bita urwo gushimangira.

Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yamenyesheje mw’ijambo ryo kurangiza umwaka wa 2021 ko abanyarwanda bagera ku bice birenga 70% bamaze guhabwa urushinge rwa mbere rw’urwo rucanco.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 719