IKIRUNDI_news

Vania Ice uwundi murundikazi aje atavyorosha mu muziki ndundi

Inyuma y’igihe umuririmvyikazi Monna walda ari ku rubuga rw’umuziki hano iwacu asa nkaho ariwe wenyene ariko araboneka, kuko abandi bo umengo barasinziriye, Vania Ice yoba aje guherekeza uwo mwene nyina mu rugamba rukomeye rwo ruhagararira abigeme muri uno muziki.

Uwo muririmvyikazi atari mushasha kuko asanzwe akora Karaoke, ariko mu kuja muri Studio gusohora utwiwe asa nkaho ari mushasha, yashize ahabona akandi karirimbo gashasha inyuma ya Doucement nayo yari yashitse ku nyota abatari bake.

Ako karirimbo Vania yashize ahabona kakaba kiswe Hela, aho yagarutse cane ku bijanye n’amafaranga aho yerekanye amahera ko ari meza, kandi ko ataco wokora ayo mafaranga atayo ufise.

Ikindi cumvikanye muri iyo ndirimbo uretse amasanamu akozwe neza cane, nuko ari umudiho utambika, uza worohereza bamwe bavanga umuziki mu myaka iheze bidogera abaririmvyi b’abarundi ko badasohora uturirimbo dutambika kugira bikunde boroherwe muri ako kazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037