IKIRUNDI_news

Vichou agiye gusubira ku twemeza vuba cane

Vichou ya menyekanye cane mu murwi Peace and love, muri kino gihe abarizwa muri Management ya The Fighter irongowe na Happy famba.

Aho yavugana Na Indundi Magazine, uretse ko yavuze ko bari mu kwongereza abandi baririmvyi 2 ,
Yongeye anavugako abahari bagiye kurekura umwe wese album yiwe bompi uko ari ba 2.

Isango album ya vichou izosohokera rikaba rimaze ku menyekana ko ari kw’ igenekerezo rya 8/8/2021.

Indirimbo zizoba zigize iyo album akaba adashima kuzivuga.

Ariko nubwo biruko hari indirimbo imwe izosohoka kw’igenekerezo rya 11/7 /2021 kw’izina rya “Katoto” akaba ibarizwa muriyo album nyene.

Ngo tugume twiteze urwo ruririmbo bashobora kuzokora igiteramo canke bayirekure  kurubuga ngurukana bumenyi gusa.

Tubibutse ko iyo ndirimbo izoba isohowe inyuma y’ururirimbo” “Who Can love me” yasohoreye mu gihugu c’Ubugande feat Washington.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037