kirundi

Vichou Love yamaze kwemeza ko ariho azoba ari

Umuririmvyi kuva muri the figter production kuva ashiriye ku mugaragaro album yiwe izwi kw’izina rya” Embargo” abandanya ariko arakora ibiteramo bitandukanye ahatandukanye.

Uretse ibiteramo akorera ngaha mu gihugu c’Uburundi yari aheruka n’i Dubaï aho yashoboye guteramisha abantu isinzi.

Mu buzima bwiwe bwa misi yose yama ariko aratanga umuziki w’ikibiriraho ( karaoké) bikaba ari navyo benshi bamumenyereyeko ninayo mpamvu yahawe n’abakunzi biwe izina rya “Mkali wa Live”.

Vichou Love muri iyi Summer ugerageje kuraba yarashoboye kuboneka mu biteramo bitari bike vyategurwa hagati mu gihugu nka Gitega, Ngozi…. abandanya ariko aregera abakunzi biwe.

Ubu naho yaduhaye isango igenekerezo rya 10 Nyakanga 2022 azoba ari ngaho kuri Messe des officiers ( nouveau jardin).
Ntuzotangwe kuzoja kumushigikira
akazoba ari kumwe n’abandi baririmvyi batandukanye.

Ubwiwe yamaze kwemeza ko ariho azoba yibereye. Ni guhera isaha 8 z’umuhingamo, kwinjira ahasanzwe ni  ibihumbi 50000 hazoba hari n’imeza za V.I.P ushobora kwirabira ngaho kuri iyo affiche.

Ugerageje kuraba ibiteramo bimaze imisi bitegurwa urabona ko abarundi bamaze kumenya ico arico gushigikira umunyabuhinga.

Urahawe ikaze rero muri ico giteramo nimba ushaka kwibonera Mkali wa live.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455