Entertainmenthomepage

Vichu Love na Happy Famba bamaze amakenga y’abamenyeshamakuru

Aya niyo makuru ava muri Tthe Fighter production”  irongowe na Happy Famba, irimwo umuririmvyi Vichou Love mwari mumenyereye cane mu murwi Peace and Love.

Happy Famba yavuze ko kw’ igenekerezo rya 28 Nyakanga 2023, bazoshira indirimbo ku mugaragaro yemeza neza ko itabaye hits, Song azoca aheba kuba Manager.

Ayo majambo yatumye benshi baguma bibaza ibibazo vyinshi mugushaka kumenya uko iyo ndirimbo izoba imeze, bamwe bati yoba ari collabo mpuzamakungu?

Inkoko niyo ngoma, isango ryabaye ntabanduka kuruyu wa kane Imbere y’abanditsi n’abamenyeshamakuru. Imbere yuko abumvisha indirimbo, yabanje kubasigurira igituma iyo ndirimbo ayemeza ijana kw’ijana. Ati ni uko ayifitiye icizere, ikaba yakozwe mu buhinga bukomeye n’umuhinyanyuzi wo muri”Kina Music” Clément, akaba ari na we yanditse iyo ndirimbo Vichou Love yaririmvye yahavuye yumvisha abaraho bose

Inyuma yokuyumvisha abamenyeshamakuru yaciye ayishira ku rubuga rwa Youtube,
ubu ikaba ariho ibarizwa.
Andika “Angelina by Vichou love”
Musomyi mwiza nawe utubwire uko wayakiriye
Ico womenya ni uko vidéo yayo nyezina izosohoka munyuma igenekerezo batashimye kuvuga

What's your reaction?

Related Posts

1 of 707