Burundihomepage

#Kabezi : Bwa bwato buheruka gukorerwa mu Kabezi ngo nta wurasubira kubukubita ijisho

Amezi ariko arababa atatu ubwato bwa mbere bwakorewe muri ico gice c’intara ya Bujumbura n’ishirahamwe Musumba_Holding burungitswe mu kiyaga Tanganyika. Ab’aho bavuga ko bukigenda baryohewe cane kubona umugambi nk’uwo uranguriwe ku gataka k’u Burundi ushoboka kuko nk’uko babimenyesha, bari babemereye ko bugiye korosha ihanahanwa ry’ibidandazwa hagato y’ibihugu bibanyi biciye mu nzira yo mu mazi gutyo ibiciro bikagabanuka , n’abandandaza bakoroherwa.

Ubu rero haheze imisi nk’iyi batarasubira kububona, bamwe bakibaza iyo bwajanye ntibaronke inyishu. Bamwe bati : « Bwagiye Zambiya, abandi bati “oya buri muri Congo, Tanzanie , …

Ariko abari hafi y’uwo mugambi igihe ubwo bwato bwakorwa, bamenyesha ko bumvise ko bwagiriye ingorane ahitwa Kabimba muri Congo, buca buja gukorerwa i Kigoma muri Tanzaniya iyo bwoba bukiri gushika n’ubu.

Ishirahamwe Musumba_Holding ariko rirahumuriza ko ubwo bwato bukora ukuri kwamye, bugatwara ibidandazwa hagati y’Uburundi na Congo hamwe na Tanzaniya, bukaja guhagarara ku kivuko ca Bujumbura nk’ubundi bwato.

Umuyobozi mukuru waryo Fabien Barigora, aremeza ko ubwo bwato vyavugwa ko bufise ubushobozi bwo gupakira amatoni 1 600 y’ibidandazwa, umugambi nyamukuru akaba ari uwo gukomeza inzira yo mu mazi.
Ubu rero kuri uwo mutumba hariko harangurirwa umugambi wo gukora ubwato bugira 2 , buzokoreshwa mu kunguruza abantu nk’uko bisigurwa n’iryo shirahamwe naho ritaravuga igitigiri c’abo buzoshobora gutwara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 703