EntertainmentIKIRUNDI_newskirundi

Viva basketball League umugwi Dynamo wabandanije witwara neza ku ndwi yambere y’ihiganwa

Ihiganwa rikuru ry’umupira w’amaboko Basketball bitiriye Viva basketball League ku ndwi yaryo ya mbere ibintu ntivyari vyoroshe,imwe mu mirwi yitwara neza iyindi ntiyoroherejwe ku kibuga c’i Bujumbura ahasanzwe hitwa kuri Département.

@Akeza Ishusho y’ikibuga imvura ihejeje guhagarika urukundo rw’urunani n’a New Stars

Ku musi wa gatandatu Umugwi Dynamo wavyifashemwo neza kundwi yambere
-11h:Young Eagles 73-52 Brothers
-13h:Les Hippos 75-78 Dynamo
-15h: Gymkhana 78-74 Remesha

Tukabamenyeshako ko urukino rwari rwitezwe cane hagati y’umugwi New Star n’Urunani urukino rutabandanije kumvo zuko imvura nyinshi yaruburabuje ku muhingamo wo Kuri uyu w’Imana,gutyo urukino rukaba rwungururijwe kw’isango ritaramenyekana.

Iryo higanwa rizobandanya ku ndwi ya kabiri ku magenekerezo ya 14/5/2022 aho hazoba ari kumusi wa gatandatu ku kibuga ca Département.

-13h: Brothers vs Aigle noir
15h:Dynamo vs New Star
Kumusi w’Imana igenekerezo rya 15/5/2022 kukibuga c’igitega

-13h: Young Eagles vs Urunani
-15h: Tigers vs Gymkhana

Tubibutse ko iryo higanwa rikuru bitiriye Viva basketball League rizokwitabirwa n’imigwi 6 yomugisagara ca Bujumbura hamwe n’imigwi 4 yomugihugu hagati.
Nayo umurwi uzorirahukana ukazohabwa igikombe giherekejwe n’i milioni 10 z amaranga y amarundi

Indundi magazine mugisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 550