IKIRUNDI_news

Vivi Muyomba na Linah Blanch mu munezero udasanzwe

Imyaka irenga 14 Vivi Muyomba abana n’umugore wiwe Linah Blanch mu munezero, urukundo no gukorera hamwe Imana yahavuye ibahezagiza ikibondo.

Amakuru dufise n’uko ivy’urukundo rwabo vyatanguye igihe bahurira mu gihugu ca Tanzania aho bari kumwe muri Band ya Lady Jaydee ariko ntibashimye kuguma bakorera muri ico gihugu, baza bazananye mu Burundi nk’umugore n’umugabo babandanya kubeshwaho n’impano yabo.

Nyuma y’aho baratanguye guteramisha abantu abantu mu bibanza bitandukanye harimwo n’amanza atandukanye ku muziki w’ikibiriraho “music Live” baba ba bitumwako.

Nta ndirimbo nyinshi bakunda gusohora ariko aho bakoreye karaoké abantu benshi barashima.

Uwo muryango muri kino gihe uri mu munezero wo kwironkera ikibondo inyuma y’iyo myaka yose iheze, babigaragaje mu nyandiko ko ata vyinshi bafise bovuga atari ugushima Imana ku kaganuke yabahaye mu kubaha umwana w’umuhungu.

Imana yishurira ku gihe dufashanye gukeza abo bavyeyi bompi, kandi intahe yabo ibere akarorero iyindi miryango ikirindiriye guhezagizwa ikibondo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036