IKIRUNDI_news

Wa mu Queen Video wo muri Hug me ngo Bikini ntayikoza

Queen Video wo mu ndirimbo Hug Me ngo si irya mbere aja muri Video y’umuririmvyi, kuko no muri Tanzania aho yahora aba naho nyene yaramaze kuja muri Video za bamwe mu baririmvyi bakomeye.

Hano iwacu uwo mwigeme w’umurundikazi avuga ko amaze gukorana na bamwe barimwo Black G, hamwe na Sat-b muri Hug Me.

Yabajijwe mu kiganiro kuri DFTV amafaranga arihwa kugira aje mu ndirimbo, avuga ko ari ibanga ry’akazi adashobora kubivuga, ariko ngo muvyo araba nuko uwo muririmvyi atari uwo hasi cane.

Muvyo adashobora kwambara ngo ntashobora kwambara twa duhuzu two musi bita Bikini two nyene, naho bivana n’ikibanza. Ku kibazo c’umwambaro wo musi wabonrtse muri Hug me avuga ko atigeze yambura hejuru.

Mu ndirimbo yakoze zose, uwo mwigeme avuga ko iyo ariyo ndirimbo yaryohewe cane n’ubwo itari bwasohoke. Abajijwe nimba hari icagoranye igihe co gufata amasanamu, yavuze ko ata kibazo na kimwe yagize kuko ngo wari nk’umunyenga.

Mwomenya ko iyo ndirimbo imaze imisi 6 ishizwe ku rubuga rwa Youtube, uno musi ikaba ifise views zirenga 500,000 , ibitari bimenyerewe hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037