homepage

Wawa yasezeye muri Kim Frans ngo aje kurondera gutungwa n’umuziki

Naho Kim frans records yamufashije ibitari bike, Wawa avuga ko yabasezeye kugira aje kurondera kumenyekana ngo bikunde atungwe n’umuziki.

Ugukorana Kim Frans Recored ngo vyaramaze guhagarara, ivyo bishikirizwa na VG Wawa ubwiwe aho avuga ko ari mu ntumbero yukugira arondere uko umwimbu w’ibikorwa vyiwe woba munini gusumba.

Uwo muririmvyi akavuga ko hari ibikorwa bitari bike afise biriko birategurirwa gushirwa ahabona Vuba cane, aho akavugamwo bimwe biri muri yakoranye n’abop muri bantu bwoy.

Hampande y’ugushima ko Kim Frans Records yamufashije ibitari bike, avuga ko itamufashije kumenyekana gose kugira abashe gutungwa n’umuziki. Wawa Akavuga ko arico kimujanye kimukuye muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi ifasha abatari bake

Aho mukamenya ko uwo muririmvyi yigeze kuvuga ko ahagaritse umuziki, ariko mu nyuma vyumvikana ko asa n’uwagarutse muri ico gikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686