kirundi

We Love Music ngo barabeshwe na Don Brighter

Abasore bari mu murwi wa We Love Music, ngo barabeshwe n’uwo bafatanije ibikorwa ariwe Don Brighter asanzwe arongoye Db Entertainment.

Abo basore babiri bavuga ko uwari yemeye kubafata mu mugongo [ Don Brighter] atashimye gushitsa bito muvyo bari bumvikanye.

Muvyo bumvikanye abo basore bavuga ko harimwo gupangirwa inzu y’amafaranga, 300,000, kugira bikunde bakore babana.

Abo basore bavuga ko ata kuntu bari kwizera ivy’amafaranga menshi kandi na make vyanse ko asohoka.

Abo basore ntibahakana ko uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane wa Amerika atigeze agira ico abashigikiramwo mu gihe baba bagize akabazo, ariko bakavuga ko ivyo bitandukanye n’akazi yari yemeye kubakorera.

Abo bakaba babishikirije inyuma y’igihe Don Brighter nawe ashikirije ibitari bike aho yerekana ivyo yabafashije, n’uko ikibazo gihari kitari kuriwe, ahubwo kiri ku ruhande rwabo, kuko harimwo ukutumvikana hagati yabo.

Mwomenya ko abo basore bashikirije ko harimwo Indirimbo bategerezwa gukorera muri Nigeria, Management yabo yari yasabwe 10,000$ arenga gato 30,000,000 z’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 455