BurundiDevelopmentEconomyhomepagekirundi

Arabeshuza amakuru yari amaze imisi akwiragizwa hirya no hino

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 27 Nyakanga 2022 n’amashirahamwe BME na COMEBU asanzwe acukura ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan na casiterite mu ntara ya Kayanza, komine Kabarore, Kenny Claude Nduwimana avugira ayo mashirahamwe arabeshuza amakuru amaze imisi azunguruka ku mbuga ngurukanabumenyi na canecane ku rubuga rwitwa ENAPE avuga ko umushingantahe Nduwurenga Déo yoba apfunzwe arenganijwe.

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe amenyesha ko ari akagwi k’aba “fraudeurs” b’ubutare babonye ko iminyuro yose bahora bacamwo mu kunyuruza ubutare babushora mu gihugu kibanyi c’Urwanda yahinyuwe, maze ako kagwi gaca kiga iyindi mpinyanyuro yo kuvugira abapfunzwe n’iryo shirahamwe ko bazira ubusa.

Imvo n’imvano y’ipfungwa ry’uwo Déo co kimwe n’abandi, nk’uko bishikirizwa n’uwo muvugizi Kenny Claude Nduwimana, ngo hari mu mwaka w’2020, ku muhingamo wo kuwa mbere Gitugutu 2020, aho Nduwurenga Déo yari ajejwe ikigega ca mbere c’ubutare bw’iryo shirahamwe hagaragara ko habuze ubutare bwo mu bwoko bwa Coltan burenga itoni imwe gato bwabuzwe irengero n’abari baje kumusuzuma maze arabura ukuntu abisigura kuko n’ibitabo bandikamwo ubutare bwinjiye ku musi ku musi atavyo yashoboye kwerekana.

Hambavu aho, ngo Nduwurenga Déo yari yarahaye akazi umwigeme ata n’umwe abizi mu bamukurira ari nawe yari yatwaye ivyo bitabo vyagera kuri bine.

Nduwurenga Déo amaze kubona ko vyamutekurukanye ngo yahavuye yemera ko ubwo butare yabunyaze abushora mu gihugu c’Urwanda arasaba imbazi ko agiye kuriha amafaranga angana n’imiriyoni mirongo itanu z’amafaranga y’amarundi (50.000.000FBU), inyuma y’uguharura igiciro c’ubutare yanyaze, ikigongwe arakigirirwa agenda arishe igice cayo (25.000.000Fbu), igice gisigaye yiyemeza kuzokiriha mu kiringo kingana n’umwaka umwe,  yamara uwo mwaka umaze guhera aranana kuyariha niko guca bamushikana mu butungane bumaze kumwumviriza buhava bufata ingngo yo kumupfunga.

Kenny Claude avugira ayo mashirahamwe BME na COMEBU amenyesha ko gushika ubu ata muntu n’umwe yaba umukozi w’ishirahamwe canke wo hanze y’ishirahamwe bazokwihanganira ahirahiriye akiba umwimbu w’iryo shirahamwe kuko bamaze guhinyura amayeri yose bakoresha mu kwiba ubwo butare babushora ku masoko atemewe n’amategeko baciye mu kinywabi.

Arangiza amenyesha abarundi n’amakungu ko abantu bose bapfunzwe na BME hamwe na COMEBU ko ata n’umwe yarenganjwe, bose bazira kunyonora itunga ry’ishirahamwe.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753