IKIRUNDI_news

WeLit party: Mastaland Abaririmvyi bazofashanya bamaze bamenyekanye

We Lit party niryo zina yahaye igiteramo Mastaland ariko agiye gukora ejo aho bukera kw’igenekerezo rya 21,Rusama.

Ni igiteramo kiriko kirategurwa na Mastaland mu ntumbero yoguhimbaza imyaka 5 ariko arakorana n’umurwi wiwe munini ugizwe n’abaririmvyi bakorera hamwe muri master musik records no guhimbaza imyaka 5 irangiye yarashinze uwo murwi.

Ico giteramo kizobera kuri Ingo club umuriro uzokwaka kuko hazoba umuziki w’ikibiriraho (music live) comédie,n’aba dj.

Uretse Masterland n’umurwi wiwe hazoba hari abandi baririmvyi nka Ingo Band,R flow n’abandi ubona kuri afiche yashize kumugaragaro.

Mastaland akabahamagarira kudasiba kwirabira ubuhinga bungutse inyuma y’agacerere Kari gahitiye abaririmvyi bacu bataboneka ku rubuga rw i biteramo, ndetse akabirya kugira asangira n’abakunzi b Umuziki ukwinjira bikazoba ari ku buntu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037