homepageIKIRUNDI_newsImyidagadurokirundi_entertainment

Wise kwicisha bugufi niyo nkoni azokwitwaza mu rugendo rwiwe

Wise ni umuririmvyikazi asanzwe avuka mu ntara ya Kayanza imyaka yiwe y’amavuko ni 16 yakuze akunda ivyo kuririmba ariko muri Myandagaro 2021 niho yasohora indirimbo yiwe ya mbere (Temperature).

Hari haheze amezi arenga 6 atayindi ndirimbo asubiye gusohora muri uku kwa gatatu mu mpera za 2022 yaciye arekura indirimbo yitwa (Money yoo) akaba yaje yerekana neza ubushobozi bwiwe bamwe bati hamwe yobandanya afise akazoza keza kuko n’ijwi ryiwe ntirivyorosha.

Nayo kubwiwe aravuga ko abakunzi biwe atazosubira kubanyoteza kuko yasanze kumara igihe kinini udasohora bituma bakwibagira iryo kosa ntabwo azorisubira.

Nayo kuri vidéo yabonetse ku mbuga ngurukanabumenyi ari kumwe na Sat_B, aravuga ko yafashwe mu gihe yari agiye kumufasha muri Vidéo yiwe y’indirimbo “Dawa” kandi Sat_B ni umuririmvyi akunda ndetse yanamutekereye impanuro nka mukuru wiwe yamutanguriye mu muziki kandi arafise icizere ko muri Album nshasha ya Sat-B hashobora kuzobamwo indirimbo bazoririmbana.

Nayo ngo mu rugendo rwiwe yatanguye kugira azogera kure; kwicisha bugufi no kwumviriza impanuro niyo mpamba azokwifashisha.

Ivyo akaba ari bimwe mu bibazo yagiye arishura mu kiganiro yari yatumiwemwo Indundi hits show ca indundi Magazine ifadikanije na GLM gica kuri Radio Culture ku musi wa mbere no kuwagatanu isaha 10
Kivuga amakuru y’abanyabuhinga bo mu Burundi gusa.

Urahawe ikaze uze uragikurikirana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686