IKIRUNDI_news

Wiz designer ngo nahindure abakobwa ashira mu ndirimbo

Wiz Designer ngo nahagarike kuza aratevya gusohora indirimbo, ico ki kimwe muvyo abakunzi b’ibikorwa vyiwe bagiye bamusaba ku rubuga rwa Instagram aho yatanga akaryo ku bamukurikirana ngo bamubwire ico yohindura.

Hampande y’abamusavye kutaza aratevye gusohora umuziki, hari abamusavye no kuza arahindura imidiho kuko umengo irasa, ariko kandi hari n’abamusavye ko agabanya gukorana n’abandi baririmvyi noneho akikorana wenyene.

Wiz Designer yanasabwe guhindura abakobwa akoresha mu ndirimbo, asabwa kandi n’ukwagura mu gukorana n’abaririmvyi bava hanze y’igihugu.

Ivyo bibazo yabajijwe kuri urwo rubuga rwa Instagram, vyahavuye bifutwa nkuko twabashije kubibona. Mu gihe ibidafuswe bimarako amasaha 24 kuva avyishuye,  murivyo hakaba hari n’ibitamazeko amasaha 12.

Wiz akaba ibiboneka kuri urwo rubuga ashobora kuba ariko arategura gushira ahabona akandi karirimbo gashasha, kazoba kaje gakurikira Mode Avion yakoranye na Mo’w Kanzie indirimbo yabanjirijwe n’amajambo atari make kubera amajambo y’urukundo yababonetseko uko ari 2.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037