IKIRUNDI_news

Ya Poste ya Natacha kuri Lolilo yanyitse

Inyuma y’ikiganiro umuririmvyi Lolilo yakoreye mu Nsamirizi y’imicokama aho yagarutse ku butumwa bwa Natacha yari yatanze ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ubwo butumwa bwavuzwe irengero.

Muri ico kiganiro Lolilo yavuze ko ivyo Natacha yakoze ataco bizica ku bucuti bari basanzwe bafitaniye naho yakoze nabi kuko yari kumuhamagara bakaganira, ariko Kandi ngo Lolilo afata Natacha nka mutonyi wiwe.

Lolilo muri ico kiyago nyene yavuze ko ubutumire bwo kuja muri Club du Lac ngo ntazobwitabira, kuko ivyo kurya no kunywa sivyo abuze, ariko Kandi ngo Afise umuryango.

Lolilo akaba yari yahawe ubutumire ngo azogende bamarane imisi nk’3 kuri Club du Lac Aho ngo bazoganira amubwire uko aba Tanzania bameze, kuko uko abazi ngo imfashanyo ariko aransaba muri ico gihugu ngo ntayo azopfa aronse.

Muri ubwo butumwa nyene, Natacha akaba yavuga ko abo ba Tanzania agiye gusaba ubufasha ngo Natacha abarihira ama Ticket y’indege iyo vyanse ko bataha, ariko ngo ntikibuza ko bamuraba nk’ic’imbwa ihaze iyo yagiye iwabo.

Mwomenya ko ivyo vyavuzwe inyuma y’ikiganiro Lolilo yatanze Aho yavuze ko agiye gusaba ubufasha muri Tanzania kugira nawe agire ico aronka kuko amaze imyaka 20 mu Muziki ariko ataco araronka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037