BurundiEntertainmenthomepage

Yassin wa Big Fizzo bari bamwirahiye abafana na Kirikou Akili

Kirikou n’abandi bafana b’umuziki batandukanye, bari birahiye Yassin wa mu Promoter akunda bwabara umuririmvyi Big Fizzo, igituma ngo n’amajambo yakoresheje avuga Kuri ya Ndirimbo ITamporize ya Drama T, Kandi bikavugwa ko iyo ndirimbo itigeze ishigikirwa na Big Fizzo ubwiwe muri iyi misi 4 imaze isohotse.

Wa mu promoter wa Big Fizzo avuze Kuri Drama T muri Post yakoze kuri Facebook yiwe, Kirikou Akili n’abandi bafana batandukanye bari bamufashe mw’izosi, iyo aba ari hafi yabo.
Uwo mugabo Yassin azwiko kuba umu Fan wa Big Fizzo w’akataraboneka, yanditse Kuri Facebook agira Ati:” Ivya YouTube mu Burundi hari igihe bingora gutahura… Ni nkuko wobona Mac Voice afise Views nyinshi kurusha Diamond Platnumz “.
Ayo majambo yaramukozeko, kuko abatari bake mu bafana baciye basokorora n’agashavu bari barabikiye n’uwudahari, uwo nawe ni Big Fizzo na Bantu Bwoy.
Kirikou Akili ngo nareke ishari kuko abandi bana bari ku kivi, nta wuzi ko yabwira Yassin ngo nareke ishari, canke yabwira Big Fizzo kuko akatari gake hagumye havugwa ko iyo Page yoba ikoreshwa na Big Fizzo ubwiwe.
Ntiyagarukiye ngaho Kirikou kuko yaciye abandanya asaba abafana ngo baje gushigikira uwo muririmvyi, anabashiriraho na Link y’iyo ndirimbo. Abandi baba baramwakiriye.
Abo bafana bagirije abo muri Bantu Bwoy ko abo bana bakiri muri uwo muryango ngo bari bafungishijwe iminyororo. Ariko kuva aho baviriye muri Bantu Bwoy ngo ubu nta kindi kuvugwa atari ibikorwa gusa.
Abandi bari babonetse muri commentaire bavuze ko uwo Mugabo abaririmvyi bose atabaraba co kimwe, ngo yarakwiye gukunda Big Fizzo nkuko akunda abandi. Uwitwa Jean Claude yabimubwiye yaciye yongerako ko ivyo avuze bategerezwa kuvyiyamiriza kuko bo baharanira iterambere ry’igihugu mu mpande zose.
Abandi n’abo bamubwira ko impamvu Drama T Indirimbo yiwe ari Hit, ngo nuko uburyo akora amasanamu y’indirimbo ziwe ngo ari ibintu bidasanzwe bimenyerewe hano iwacu.
Naho abatari bake batemeranije nawe Kuri ayo majambo yanditse Kuri uwo muririmvyi Drama T, Yassin yahavuye yisigura Kuri Kirikou muri commentaire aho yamubwiye ko ata rwanko rwari mu majambo yashikirije muri ayo majambo yashize Kuri Facebook, ahubwo ngo ivyo yanditse muri Kano gakino biremewe.
Aya majambo akaba abandanya avugwa mu gihe Indirimbo ya Drama T yo ibandanya iduga gahoro gahoro ata nkomanzi, kuko mu misi 4 gusa iyo ndirimbo imaze kurabwa incuro zirenga 366,000. Abantu bakaba bafise icizere ko Vuba cane iyo ndirimbo izoba imaze gukwiza 1M Views.
Aha mukamenya ko Big Fizzo ashobora kuba atigeze aboneka aposta iyo ndirimbo muri iyi misi 4 imaze isohotse, kuko umufana wiwe Yassin yari kuba yamaze kubisangiza abamukurikirana Kuri Instagram na Facebook. Ariko Big Fizzo akaba yarigeze gushikiriza ko adapfa gushira ivyarivyo vyose Ku mbuga ngurukanabumenyi ziwe, Kandi ko arekuriwe gushirwako uwo we yipfuza Kuri izo mbuga.
Uyu muririmvyi Drama T akaba ariwe muririmvyi wenyene yavuye muri Bantu Bwoy bivugwa ko agihuza na Big Fizzo cane, kuko abandi bo naho ata numwe yemera kubishira ahabona, aho umwe ari uwundi ntahaboneka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 743