Entertainmenthomepage

Yolo The Queen yoba ariwe agiye gusubirira Kajala mu maboko ya Harmonize

Uwuzosuburira Kajala Frida yoba yamaze kuboneka, uwo nawe hakaba hanuganugwa ko yoba ari Yolo The Queen umunyarwandakazi binavugwa ko afise amamuko mu Burundi.

Muri iyi misi 2 iheze, uwo muririmvyi w’umunya Tanzaniya, yerekanye ko afitiye urukundo rukomeye uwo mukobwa w’umunyarwandakazi, aho yabanje gushira Kuri Story ya Instagram yiwe mama w’uwo mukobwa, anashirako amajambo ko amuryoherewe uwo muvyeyi.
Yolo the Queen amazina yiwe y’ukuri ari Phiona, nawe yaciye amwishura ko nawe yaryoherewe Indirimbo yitwa Mama yakoresheje atera amashurwe umuvyeyi wiwe.
Uwo muririmvyi asanzwe ari mu bakurikiranwa na benshi muri Afrika y’ubuseruko, mu gatondo ko Kuri uyu wa mbere, akaba yazindutse arasubira Kandi kuvuga Kuri uwo mugore bakoranye Live Kuri Instagram Kuri uyu wa mungu uheze.
Mu majambo yanditse yavuze ko bitoroshe kumenya abantu bakwiyumvira neza mu gihe umaze kuronka amafaranga n’ukumenyekana, ariko Kuri Phiona canke Yolo The Queen, uwo muririmvyi yavuze ko inyuma y’imyaka 4 bitanaho, ngo hageze ko amwereka uburyo amukunda.
Uwo musore akaba yabandanije abwira Phiona ko amukunda cane, ngo ararenze abandi bakobwa yigeze kubona. Kandi ngo yatumye uwo muririmvyi aheruka gutemberera Urwanda ata giteramo ahafise ngo yiyumva nkaho ari umunyarwanda. Akaba yanagiriyeko avuga ko agiye kugura inzu muri Kigali, kugira abandanye amwegera.
Ntivyahereye aho kuko yanavuze ko agiye gushira ku mubiri wiwe iyindi Tattoo, iyo nayo akaba ngo azoba ari isura ya Yolo.The Queen, iyo ikaba izoba ari iya nyuma. Ayo majambo akaba yashitse ku Mutima uwo mwigeme kuko nawe yayasangije abarenga 300,000 bamukurikirana Kuri Instagram, yongerako ama Emoji y’imitima n’ay’ukurira.

Muri izo Story za Harmonize Kandi hanabonetsemwo video ya Machine yitwa MacBook air yavuze ko ari Gift ya Yolo the Queen.
Uwo muririmvyi yatanguye indwi abwira amajambo meza uyu munyarwandakazi afise amamuko mu Burundi, akaba muri ino misi abarizwa muri Amerika aho ari mu biteramo bitandukanye.

Uwo akaba ariwe mukobwa Harmonize yerakanye Inyuma y’amezi atari make ataravuga ivy’ugusubira Kandi gukundana, kuko uwo baheruka mu rukundo ari Kajala Frida bivugwa ko asigaye ari mu rukundo n’umunya Politike wo muri Kenya. Ugutandukana kwabo Kwa Kabiri hakaba hataravugwa ico vyavuyeko, kuko ubwa mbere ho havuzwe ko yashatse kuryamana n’umukobwa wiwe, ariko aza kubimenya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 722