IKIRUNDI_news

Yvan Muziki agiye kuza I Bujumbura Vuba

Yvan Muziki ngo yamaze kugera mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho n’inyuma y’igihe kitari gito adaheruka muri Afrika aho asanzwe aza mu bikorwa vy’umuziki, kuruhuka n’ukuraba umuryango.

Ntiharamenyekana nimba uwo muririmvyi hari indirimbo azokorera I Kigali, ariko ikimaze kuboneka co nuko akenshi ava I Kigali ahakoze indirimbo.

Yvan uno musi niho yashira ubutumwa ku rubuga rwa Instagram avuga ko yamaze kugera i Kigali, akaba azananye n’abahungu biwe. Rikaba ribaye irya mbere tubonye uwo muririmvyi azananye n’abahungu biwe mu karuhuko.

Muri Live yakoze kuri Instagram ku muhingamwo, yabajijwe nimba azogera I Bujumbura ryari, uwo muririmvyi yamenyesheje ko azohashika Vuba cane.

Mwomenya ko indirimbo yiwe ya nyuma aheruka gushira ahabona ari Njyana Njyana yashizwe ahabona haraheze amezi 5, iyo ikaba igeze ku ncuro zirenga 24,000 imaze kurabwa ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,037