IKIRUNDI_news

Yvan Muziki ngo yarahatswe kwicwa na se amuvyara

Ubuzima ngo ntibwari bworoshe kuri Yvan Muziki n’umuryango wiwe muri rusangi, kuva akiri muto, ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye mugenzi wacu.

Muri ico kiganiro uwo muririmvyi yashikirije ko bakuze umuryango wa se utabakunda. Imvo ngo kwari uko se yarongoye umunyarwandakazi.

Yvan avuga ko uwo muryango wa se ngo bakuze babanka gose, bakuze batabona imiryango yabo igenderanira. Ubucuti hagati ya se n’abaryango biwe ngo ntibari bwiza, kuko yaramaze igihe kitari gito batabonana.

Yvan muri ico kiyago yanavuze ko se yishwe n’ishano bamuhaye avuye kuraba abiwabo inyuma y’igihe batabonana. Ico gihe Yvan avuga ko papa wiwe ngo yababwiye ko ata kindi yahafashe atari icupa rimwe yafashe imbere yuko ahaguruka.

Yvan avuga ko nawe iryo shano nyene yarihawe, rihakwa kumuhitana Imana ikinga ukuboko.

Yvan Muziki yanagarutse ku vyamubayeko akivuka, Aho abiwabo na se baroze umuhungu wabo, bituma ahakwa kumwica Aho bari bakiva mu bitaro. Ico gihe Yvan avuga ko se yamutereye hejuru, bamumuhaye noneho asamwa n’umukozi, ariko ngo mu nyuma basanze yari yarizwe.

Ibibazo bihura n’abana bavuka ku bavyeyi bakomoka ku bavyeyi badasangiye ubwoko, intara, canke ibihugu(Metis) nivyo uwo muririmvyi yahuye navyo muri rusangi.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago na Yago ntiyaretse gukebura abashobora kuba bamukora mu nkovu batabizi, ko ugukumirwa yabonye mu Muziki ngo ataho uhuriye n’ivyo yahuye navyo mu buzima muri rusangi.

Yvan Muziki akaba agize imisi ariko atanga ibiganiro Aho yagarutse cane ku buryo abantu batari bake bariko bamwagiriza gutukisha Uburundi, ariko we akaba bihakana ahubwo akaba avuga ko we yagiye ashikiriza ivyamubaye mu Muziki, nayo ahandi ngo nta kibazo na kimwe afitanye n’abarundi be wabo muri rusangi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036