IKIRUNDI_news

Yvan Muziki yagiriza Big Fizzo na Sony gushaka kumutwara ubuzima

Abahohoteye Yvan Muziki mu Muziki wiwe ngaha iwacu, babandanya bagwira nkuko uwo muririmvyi abandanya abivuga mu biganiro bitandukanye abandanya akora.

Mu gice ca 2 c’ikiganiro yagiranye na Yago TV Show yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uwo muririmvyi yagirije Big Fizzo na Mugenziwe Sonny ko bahatswe kumwica.

Uwo muririmvyi akaba yavuze ko bariko basangira, kuko Big Fizzo yaravuye mu mahanga, noneho ngo bahejeje gusangira, Sonny mukubita intebe mu mutwe.

Yvan avuga ko nawe yigwanyeko nk’umugabo, ariko ngo vyahavuye bifata iyindi sura kuko uwo mugenzi wa Big Fizzo yaciye afungwa, naho uwo mwanditsi w’umudodo yari yageraheje guhosha iyo ntambara.

Yvan Muziki yavuze ko Big Fizzo yari yamusavye kutabicira hasi inyuma yaho avugiye ko buca atangura kuvuga abamufukamye munda.

Twagerageje kurondera abo muri Bantu Bwoy ngo batubwire nimba arivyo canke atarivyo, ariko ntitwabashije kuronka inyishu yabo.

Mwomenya ko muri ivyo biganiro uwo muririmvyi amaze kuvuga abantu batari bake barimwo abaririmvyi n’abamenyeshamakuru. Ariko urwo rutonde rukaba rwabaye ruto kuko ngo yanse kuvuga abandi benshi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036