homepage

Yvan Muziki yemeye ibikomeye muri uno mwaka wa 2019

Yvan mu mwaka wa 2019 yemereye abakunzi b’ibikorwa vyiwe kuduza umuziki wiwe ku rundi rwego, aho akanemera ko indirimbo nshasha ari Vuba cane.

Yvan Muziki yemeye ko uyu mwaka wa 2019 ngo hazoboneka ibikorwa bizotuma umuziki wiwe uja ku yindi ntambwe. Ivyo Yvan Muziki akaba aheruka kubishikiriza muri Video yashize ahabona aho yariko yipfuriza abantu Noeheri nziza.

Uwo muririmvyi abarizwa ku butaka bw’Uburaya avuga ko indirimbo yiwe nshasha izosohoka Vuba cane, naho atabashije kuvuga ryari neza neza iyo ndirimo izoshirirwa ahabona.

Aho mukamenye ko ako karirimbo nikaramuka gasohotse kazoba gakurikiye ako yaheruka gushira ahona mu kwezi kwa 8 , akaba yakise Booboo, ako kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga 132, 237 ku rubuga rwa Youtube asanzwe akoresha, hanabonekako izindi ndirimbo ziwe nka Mashallah, Kayengayenge Rmx na Kabakaba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 686