IKIRUNDI_news

Yvan Muziki yoba yagize ubugeni n’umunyarwandakazi Marina?

Ku musi w’ejo habonetse amashusho n’amasanamu ya Yvan Muziki hamwe n’umukunzi wiwe akaba n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Marina, baboneka mu mwambaro w’ubugeni.

Ayo mashusho akaba yabonetsemwo abantu batandukanye barimwo na Masamba, asanzwe ari na inarume wa Yvan Muziki. Uwundi yabonetse muri ico kibanza mu mwambaro w’iteka ni Dj Theo nawe asanzwe ari incuti y’akadasohoka n’uwo muririmvyi.

Ayo mashusho akaba amaze kuvugisha benshi, aho abatari bake bibaza ko uwo muririmvyi yoba yagize ubugeni n’uwo mukunzi wiwe, ariko abandi nabo bakabona ko ashobora kuba ari indirimbo iriko irakorwa.

Naho harimwo ukudasigura kumwe ayo mashusho, bishoboka ko atari ubugeni kuko ata muvyeyi wa Yvan Muziki yigeze abonekamwo, kuko adashobora kugira ikintu na kimwe gikomeye nkico, umuvyeyi wiwe atariho. Ku basanzwe bakurikirana amakuru ya Yvan Muziki barazi ico uwo muvyeyi asigura kuri uwo muririmvyi.

Ivyo bikaba vyaciye bishimangirwa n’amakuru dukesha bamwe mu begereye umuryango wa Yvan Muziki avuga ko iyo ishobora kuba ari indirimbo barimwo, kuko ata makuru y’ubugeni bwiwe afise.

Nta wuzi rero ko ari indirimbo ya Yvan Muziki wenyene, canke barikumwe n’uwo mukunzi wiwe muri iyo ndirimbo.

Mwomenya ko Yvan Muziki yaheruka kumenyesha ko hari ibindi bikorwa biriko birategurwa, ubwo bikaba bishoboka ko rero iyo ndirimbo ariyo yavugwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,036